Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 21 Ntwarante
Itarike 21 Ntwarante
mercredi 21 Ntwarante 2018
Igenekerezo rya 21 Ntwarante.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1846: Urwete rwemeza ko Adolphe Sax ariwe yatanguje ubuhinga bwo gukora igicurarangisho c’umwironge w’ikizungu (saxophone) kirasohoka.
- Adolphe Sax
1934: Adolph Hitler akoresha ibishomeri mu kwubaka amabarabara manini manini (autoroute).
1961: Umurwi w’abaririmvyi Beatles ukora ugiteramo cawo ca mbere ahitwa Cavem Club mu gisagara ca Liverpool.
1977: Indira Gandhi, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi atanga imihoho mu mabanga yiwe inyuma y’itsindwa ry’uruhande rwiwe rwa politike mu matora y’abashingamateka.
1983: Yamoussoukro uba umurwa mukuru w’igihugu ca Côte d’Ivoire ku ntwaro ya Houphouët Boigny. Ico gisagara akaba ari icamavukiro c’uwo mukuru w’igihugu yarageze ku kiringo ca gatatu atwara ico gihugu. Umugambe wiwe akaba ari nawo wonyene wari wemewe gukora muri ico gihugu.
- Yamoussoukro
2000: Papa Paul wa 2 aba umukuru w’ishengero rya Katorika wa mbere agendeye icese igihugu ca Israël.
2006: Urubuga ngurukana bumenyi rwa « Twitter » ruratanguzwa icese.
- Ikimenyetso ca "Twitter"
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1942: Fradique de Menezes, umukuru w’igihugu ca Sao Tomé-et-Principe.
1978: Alena Seredova, umukinyi w’amareresi akomoka mugihugu ca Repubrika ya Tchèque.
- Alena Seredova
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba.
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ukwivuga(poèsie).
. Umunsi mpuzamakungu wahariwe ugutuza umacakubiri afatiye k’uruhu.
. Namibie : Umunsi wo kwibuka ukwikukira kwico gihugu.
INGABIRE Luc-Noel