IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 22 Munyonyo

Itarike 22 Munyonyo

vendredi 22 Munyonyo 2013

Igenekerezo rya 22 Munyonyo ni umunsi ugira 326 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 39 kugira umwaka w’2013 urangire.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1883: Umwamikazi wa Madagascar, Ranavalona wa 3 arimikwa.
1963: Umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika, John F. Kennedy aragandagurwa ahitwa i Dallas.

JPEG - 6.1 ko
John F. Kennedy

1943: Igihugu ca Liban kirikukira.
1955: Hageragezwa ibombe ya mbere yo mu bwoko bwa H yegukira abarusiya.
1975: Juan Carlos wa 1, umwami wa Espagne arimikwa.
1990: Margeret Thatcher artanga imihoho mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.

JPEG - 6.6 ko
Margeret Thatcher

2005: Angela Merkel aba umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi.

JPEG - 6.7 ko
Angela Merkel

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1808: Thomas Cook, umurwizatunga w’umwongereza.
1859: Fusajiro Yamauchi, uwatangje ibikinisho vya Nitendo.

JPEG - 6.8 ko
Fusajiro Yamauchi

1861: Ranavalona wa 3, umwamikazi wa Madagascar.
1890: Charles de Gaulle, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 8.3 ko
Charles de Gaulle

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1916 : Jack London, umwanditsi w’umunyamerika.
1963: Umukuru w’igihugu ca Leta Zuznubumwe z’Amrika agira 35, John F. Kennedy, aragandagurwa i Dallas.
1993: Tatiana Nikolaïeva, umuririmvyikazi w’umurusiya.
2011: Danielle Mitterrand, umugore w’umunyapolitike w’umufaransa. Ni n’umutambukanye wa Franços Mitterrand, uwabaye umukuru w’igihugu c’Ubufaransa.

JPEG - 5.8 ko
Danielle Mitterrand

2011: Sveltana Allilouieva, umukobwa wa Joseph Staline.

Ibihimbazwa

. Costa Rica : Umunsi wahariwe umwigisha.
. Liban: Umunsi wo kwibuka ukwiganzura Ubufaransa bwari bukoronije ico gihugu.
. Venezuela: Umunsi wahariwe abize ivy’imico n’imigenzo y’ababantu.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.