Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 22 Ndamukiza
Itarike 22 Ndamukiza
mardi 22 Ndamukiza 2014
Igenekerezo rya 22 Ndamukiza ni umunsi wa 112 w’umwaka w’2014. Hasigaye iminsi 253 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1500: Pedro Alvares Cabral atora igihugu ca Brésil ubwa mbere ko kibaho.
- Pedro Alvares Cabral
2010: Reta y’Ububirigi ya Leterme wa 2 iratanga imihoho.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1724: Emmanuel Kant, umuhinga muri philosophie akomoka mu Budagi.
1870: Lénine, uwabaye umukuru w’igihugu c’Uburusiya.
- Lénine
1977: Mark van Bommel, umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Pays-Bas.
1982: Kaká, umukinyi w’umpira w’amaguru wo muri Brésil.
1987: John Obi Mikel, umukinyi w’umupira w’amaguru wo muri Nigéria.
- John Obi Mikel
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1933: Henry Royce, umwongereza w’umunyamitahe mu mahinguriro.
1988: Tchicaya U Tam’si., umwanditsi wo muri Congo.
- Tchicaya U Tam’si
1994: Richard Nixon, uwabaye umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika.
INGABIRE Luc-Noël