Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 23 Gitugutu
Itarike 23 Gitugutu
mercredi 23 Gitugutu 2013
Igenekerezo rya 23 Gitugutu ni umunsi ugira 295 w’mwaka w’2013. Hasigaye iminsi 69 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1940: Adolf Hitler ahura n’umugenerare Franco ahitwa Hendaye.
1954: Haduka imigumuko mu gisagara ca Budapest.
1996: Papa Yohani Paulo wa 2 yemeza ko iciyumviro ca Darwin kitofatwa nk’ibidashoboka.
- Iciyumviro ca Darwin cuko umuntu yavuye mu nguge.
2001: Hasohoka iPod ya mbere. Isohorwa n’ishirahamwe Apple rikora ivyuma vy’ubuhinga bwa none.
- iPod
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1802: Pierre Larousse, umwanditsi wa kazinduzi y’igifaransa akomoka mu Bufaransa.
- Pierre Larousse
1940: Pelé, umukinyi w’umupira w’amaguru yabaye n’umushikiranganji w’inkino muri Brésil.
- Pelé
1953: Fatmir Sejdiu, umukuru w’igihugu ca Kosovo.
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
2002: Adolph Green, umukinyi w’ivyese n’amareresi w’umunyamerike.
- Adolph Green
2009: Paul Carpita, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umufaransa.
Ibihimbazwa
. Méxique: Umunsi wahariwe abaganga.
INGABIRE Luc-Noël
Messages
23 Gitugutu 2013, 08:54, par petero
Meric bcp Luc