Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 23 Ntwarante
Itarike 23 Ntwarante
jeudi 23 Ntwarante 2017
Igenekerezo rya 23 Ntwarante .
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1919: Umumenyeshamakuru Benito Mussolini yatanguje umuhari Fasciste, "Fasci di Combattimento"mu gisagara ca Milan mu butariyano
1956: Pakistan yabaye repubirika y’idini rya isilamu
1980: Umuriro wahitanye amatone ari hagati ya 450.000 na 1.500.000 y’igitoro, wazimye nyuma y’iminsi 295 uriko uraka mu gihugu ca Mexique.
1998: Ireresi "Titanic" yakozwe n’umunyacanada James Cameron yatowe nk’ireresi ya mbere kw’isi mu mwaka w’1997, ikaba yahawe n’ubushimwe bugera kuri 11.
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1660: Georges I, umwami w’ubwongereza n’igihugu ca Irlande
1905: Joan Crawford, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika
1910: Akira Kurosawa, umuhinyanyuzi w’amareresi akomeye aturuka mu gihugu ca Japon
1992: Kyrie Irving, umukinyi w’umupira w’amaboko w’umunyamerika
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1369: Pierre I de Castille, Umwami wa Castille
1842: Stendall, umwanditsi w’umunyafaransa
2011: Elizabeth Taylor, umukinyi w’amareresi afise amamuko yo mu bwongereza no muri Amerika
2014: Adolfo Suarez, umunyapolitike wo mu gihugu ca Espagne