Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 30 Mukakaro
Itarike 30 Mukakaro
mardi 30 Mukakaro 2013
Igenekerezo rya 30 Mukakaro ni umunsi ugira 211 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 154 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri
1980: Igihugu ca Vanuatu kirikukira.
2000: Hugo chavez atorwa ubugira kabiri ngo abe umukuru w’igihugu ca Vénézuela.
- Hugo chavez
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1863: Henry Ford, umunyamerika w’umuhinga mu kwubaka imiduga ari nawe yatanguke ubwoko bw’imiduga ya Ford.
- Henry Ford
1938: Habib Ben Yahia, umunyapolitike wo muri Tunisiya.
1947: Arnold Schwarzenegger, umunyapolitike akaba n’umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.
- Arnold Schwarzenegger
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1898: Otto von Bismarck, uwahoze arongoye Ubudagi.
- Otto von Bismarck
2007: Michelangelo Antonioni, umuhinyanyuzi w’amareresi w’umutariyano.
Ibihimbazwa
. Umunsi mpuzamakungu w’ubugenzi. Washinzwe na ONU kuva itarike rya 27 Ndamukiza 2011.
. Vanuatu: Umunsi mukuru bibuka intahe yo kwikukira.
INGABIRE Luc-Noël