IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 30 Nzero

Itarike 30 Nzero

lundi 29 Nzero 2018

Igenekerezo rya 30 Nzero.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1835: Umukuru w’igihugu ca Reta Zunzubumwe z’Amerika, Andrew Jackson ahakwa kwicwa n’uwitwa Richard Lawrence. Uno akaba yarashe insasu z’ibiri ariko zitashikiriye uwo mukuru w’igihugu.
1929: Hatanguzwa igisata c’igisirikare kirwanira mu kirere mu Bufaransa.
1948: Mahatma Gandhi aragandagurwa mu gisagara ca New Delhi.

JPEG - 4.8 ko
Mahatma Gandhi

2001: Michel Navratil, umugabo wanyuma mu bacitse kw’icumu y’iyibira ry’imeri Titanic arasezera isi. Akaba yapfuye ku myaka 93.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1951: Phil Collins, umuririmvyi w’umwungereza yahoze ari kizigenza w’umurwi Genesis.

JPEG - 4.9 ko
Phil Collins

1992: Misaki Iwasa, umuririmvyi akomoka mu Buyapani.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1991: John Bardeen, umunyamerika w’umuhinga muri physique. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1956.
2006: Coretta Scott King, uwuharanira agateka ka muntu ,uri Reta Zunzubumwe z’Amerika. Akaba ari umutambukanyi wa Martin Luther King.

JPEG - 6.4 ko
Coretta Scott King

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.