IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 31 Mukakaro

Itarike 31 Mukakaro

mardi 31 Mukakaro 2018

Igenekerezo rya 31 Mukakaro.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

432: Itorwa rya Papa Sixto wa 3. Yasubiriye Célestin wa 1. Akaba yabaye umu papa agira wa 44.

1959: Havuka umurwi w’abaryanyi wa ETA muri Espagne.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1912: Milton Friedman, umuhinga muvyo ubutunziw’umunyamerika yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu vy’ubutunzi mu 1976.

1914: Louis de Funès, umukinyi w’amareresi atwenza w’umufaransa.

1921: Peter Benenson, umushingwamanza w’umwongereza yatanguje ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazinamuntu « Amnesty International »

1962: Wesley Snipes, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

1977: Grand Coprs Malade, batazira Fabien Marsaud, umuhinga muvya slam w’umufaransa.

1989: Victoria Azarenka, umukinyi wa tennis akomoka muri Biélarussie.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerzo nkiri

1556: Ignace de Loyola, uwatanguje umuryango w’abaihebeyimana bita aba jesuites.

1784: Denis Diderot, umwanditsi akaba n’umu philosophe w’umufaransa.

1864: Louis Hachette, uwushinzwe gusohora ibitabo akomoka mu Bufaransa.

1875: Andrew Johnson, uwabaye umukuruw’igihugu wa 17 wa Leta Zunzubumwe z’Amerika.

1914: Jean Jaurès, umunyapolitike w’umufaransa yagandaguwe na Raoul Villain.

1944: Antoine de Saint-Exupéry, umuhinga muvy’indege akaba n’umwanditsi w’umufaransa.

2012: Gore Vidal, umwanditsi w’umunyamerika.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.