Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike ya 4 Ntwarante
Itarike ya 4 Ntwarante
mercredi 4 Ntwarante 2015
Igenekerezo rya 4 Ntwarante ni umunsi wa 63 w’umwaka w’2015. Habura iminsi 302 ngo urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
1461 : Édouard IV yabaye umwami w’u Bwongereza

1665 : Hatanguye intambara ya 2 yahuza Abongereza n’u Buholande
1861 : Abraham Lincoln yabaye Umukuru w’igihugu agira 16 wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

1980 : Muri Zimbabwe, Robert Mugabe yatsinze amatora
1933 : Franklin Roosevelt yabaye umukuru w’igihugu agira 32 wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika

2005: Irekurwa ry’umunyamakuru Giuliana Sgrena aturuka mu gihugu ca Italie, yarapfungiwe mu gihugu ca Irak
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1938 :Alpha Condé, umukuru w’igihugu ca Guinee

1946 : Dario José dos Santos,yabaye umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Bresil

1974 :Ariel Ortega, umukinyi w’umupira w’amaguru aturuka mu gihugu ca Argentine

Abazwi cane bitavye Imana kw’igenekerezo nkiri
1238 : Jeanne d’Angleterre, umwamikazi wa Écosse

1957 : Larbi Ben M’hidi yaharaniye ubwigenge bw’igihugu ca Algerie
Ibihimbazwa
Umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina
Lorene Nubwabo