IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 4 Nyakanga

Itarike 4 Nyakanga

mercredi 4 Nyakanga 2013

Igenekerezo rya 4 Nyakanga ni umunsi ugira 247 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 118 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

476: Romulus Augustule, umwami wanyuma w’Ubwami bwo m’Uburengero aratanga.
1774: James Cook atora igihugu ca Nouvelle-Calédonie.

JPEG - 6 ko
James Cook

1781: Havuka igisagara ca Los Angeles.
1948: Umwamikazi wa Pays-Bas, Wilhelmine, aratanga.
1970: Salvador Allende atorwa kuba umukuru w’igihugu ca Chili.

JPEG - 7 ko
Salvador Allende

2012: Pauline Marois aba umugoore wa mbere atowe kuba umushikiranganji wa mbere wa Québec.

Abazwi cane bavutse igenekerezo nkiri

1768: François-René de Chateaubriand, umwanditsi akaba n’umunyapolitike w’umufaransa.

JPEG - 5.7 ko
François-René de Chateaubriand

1901: William Lyons, umuhinga mu kwubaka imiduga. Niwe yazanye umuduga wo mu bwoko bwa Jaguar.
1913: Stanford Moore, umunyamerika w’umuhinga muri Biochimie, yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri Chimie.
1917: Henry Ford II, umunyamerika yakora ivyerekeye amahinguriro yo gukora imiduga. Yari arongoye ihinguriro Ford.
1925: Elias Hraoui, umukuru w’igihugu ca Liban.
1981: Beyoncé Knowles, umuririmvyi w’umunyamerika.

JPEG - 11.1 ko
Beyoncé Knowles

1990: Stefanía Fernandez, Miss Venezuela 2008 akaba yanabaye Miss Univers 2009.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1977: Jean Rostand, umwanditsi akaba n’umuhinga muri Biologie w’umufaransa.

Ibihimbazwa

. Argentine: Umunsi mukuru wahariwe ibitabo vy’ibicapo.
. Leta Zunzubumwe z’Amerika : Umunsi wahariwe abadandaza ibimenyeshamakuru.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.