IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 7 Munyonyo

Itarike 7 Munyonyo

samedi 7 Munyonyo 2015

Igenekerezo rya 7 Munyonyo

Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri

1944: Franklin Delano Roosevelt atorwa ubwa 3 ngo abe umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.

JPEG - 17 ko
Franklin Delano Roosevelt

1972: Richard Nixon atorwa ubwa 2 no abe umukuru w’igihugu ca Leta Zunzubumwe z’Amerika.
1987: Zine el-Abidine Ben Ali aba umukuru w’igihugu ca Tuniziya.

JPEG - 50.2 ko
Zine el-Abidine Ben Ali

1990: Mary Robinson aba umukuru w’igihugu ca Irlande.
2005: Igisagara ca Naypyidaw kiba umurwa mukuru w’igihugu ca Birmanie.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1867: Marie Curie, umufaransakazi w’umuhinga muri physique na chimie. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel muri physique mu 1903 akandi ka chimie nako agahabwa mu 1911.
1913: Albert Camus, umwanditsi w’umufaransa yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1957.

JPEG - 201.9 ko
Albert Camus

1967: David Guetta, umucuraranzi w’umufaransa.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1962: Eleanor Roosevelt, umugore wa Franklin Delano Roosevelt. Yakoze mu vyo imienderanire.
1980: Steve McQueen, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

JPEG - 431.4 ko
Steve McQueen

1990: Lawrence Durell, umwanditsi w’umwongereza.

Ibihimbazwa

. Umunsi mpuzamakungu w’umwanditsi w’umunyafrika.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.