Accueil > Amakuru > Akahise > Itarike 8 Gitugutu
Itarike 8 Gitugutu
mercredi 7 Gitugutu 2015
Igenekerezo rya 8 Gitugutu ni umunsi ugira 281 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 84 kugira umwaka w’2013 urangire.
Ibikuru bikuru vyaranze igenekerezo nkiri
600: Hajaho ibwirizwa nshingiro riha ukwikukira izinga rya Saint-Marin.
1967: Che Guevara arahagarikwa mu gihugu ca Bolivie.
- Che Guevara
Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri
1810: James W. Marshall, umucukuzi w’inzahabu w’umunyamerika.
1941: Jesse Jackson, umunyapolitike w’umunyamerika.
- Jesse Jackson
1970: Matt Damon, umukinyi w’amareresi akaba n’umwandisi w’amareresi w’umunyamerika.
- Matt Damon
Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri
1992: Willy Brandt, uwabaye umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi. Niwe yaronse agashimwa k’amahoro kitiriwe Nobel mu 1971.
- Willy Brandt
2011: Roger William, umucuraranzi w’inanga y’ikizungu akomoka uri Amerika.
Ibihimbazwa
. Mu Buhindi: Umusi wahariwe igisirikare gikuru c’Ubuhindi.
INGABIRE Luc-Noël