Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ivyamwa n’imboga si imfungurwa y’abana n’abakenyezi gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ivyamwa n’imboga si imfungurwa y’abana n’abakenyezi gusa

Ivyamwa n’imboga si imfungurwa y’abana n’abakenyezi gusa

jeudi 16 Rusama 2013

Mu ntumbero yo guhamagarira abarundi kwitaho ivyamwa n’imboga mu mfungurwa zabo za minsi yose, umugambi P3 w’ivyamwa waratunganije icigwa kijanye n’uburyo bwo gushira imbere ivyamwa n’imboga hano mu Burundi.

Kubwa Menedora Ndagijimana, arongoye umugambi P3 w’ivyamwa ku rwego rw’igihugu, ico cigwa gifise intumbero zitatu. Iya mbere ni gusangira ibikorwa vy’uwo mugambi umaze kurangura vyerakanywe mu gice cayo ca mbere.

Iya kabiri ni ukwerekana abagize uwo mugambi w’iterambere hama gusigura uburyo n’ukugene hoshirwa mu ngiro ivyahimirijwe n’uwo mugambi w’ivyamwa n’imboga mu Burundi.

Uwo mugambi wo gukwiragiza ivyamwa “P3” wabaye urashingwa mu ntara ya Cibitoke, mu Rumonge no mu gisagara ca Bujumbura.
Menedora Ndagijimana akaba anezerezwa n’uko inyuma y’igice ca mbere c’ihimiriza, hagize igihunduka muri ako karere kose umugambi usanzwe ukoreramwo.
Abona kandi y’uko ivyamwa n’imboga bisigaye bifungurwa cane mu karere uwo mugambi ukorerwamwo.

Uwo arongoye uwo mugambi ku rwego rw’igihugu avuga ko imbere yihimirizwa ry’uwo mugambi w’ivyamwa, ivyamwa bimwe bimwe vyaborera mu mirima. Ariko mu nyuma, abanyagihugu barabonye ko hariho umutahe munini kuko ivyamwa n’imboga bigurwa cane ku masoko.

Ivyamwa n’imboga ntivyagenewe gusa abana bato, abakenyezi bibungenze n’abarwayi nk’uko benshi bavyibaza, ariko vyagenewe bose, abakuze, abato, abarwaye n’abakomeye.
Ahamagarira abarundi bose kwitaho gufungura ivyo vyamwa n’imboga kuko ari ngira kamaro ku magara ya kiremwa muntu wese. Akibutsa kandi ko “P3” ari akajambo kerekana ibihigu uwo mugambi ukoreramwo.Ivyo bihugu navyo ni: Uburundi, Urwanda na Republika iharanira Demokarasi ya Congo.

Mu Burundi, uwo mugambi ushira imbere kwongereza imbuto no kwitaho gufungura cane imboga. Mu Rwanda naho, bitaho cane ibiterwa mbumbarugo mu guhe muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo bashira imbere kwongerereza ubumenyi kubari mu nzego zitandukanye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.