Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuririmba nk’umwuga atari kwinezereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Terry West > Inkuru > Kuririmba nk’umwuga atari kwinezereza

Kuririmba nk’umwuga atari kwinezereza

vendredi 25 Gitugutu 2013

Abenshi mu baririmvyi bo mu Burundi bakora uwo umwuga nk’uwo tunga ubuzima bwabo n’imiryango yabo. Hari n’abandi baririmba bafise intumbero hanini ari kwinezereza, kugira abantu benshi babamenye , kandi bambare umwambaro w’abaririmvyi ariko uvyitegereje neza atari bo mu vy’ukuri.

Ngayabosha Terry West azwi cane cane muri Question-G, mu kiganiro na IGIHE, wewe kuririmba abikora nk’ umwuga, agashiramwo inguvu n’uburyo kuko atakindi asanzwe akora atari umuziki, uravye imyaka afise n’ivyo amaze gukora vyumvikana ko guter’imbere kwiwe mu mwuga bidaseswa.

Mu ndirimbo ziwe zamenyekanye cane gusumba izindi nka “Mkee wa Mtu ni sumu”,”Urukundo”, “Ni wewe”, ”Aramara”, “Abo nibo beza” yakoranye na Aimable Tayaya. Ariko akorana na Uncle Crazy , afise 2 ari wenyene bikunze zizosohokera rimwe n’amasanamu. Nta mwuga utagira ibibazo, West ati:”Birababaje gusohora ntiwinjize, kandi sindibuhebe umwuga, hari abanyita umusazi, ariko nukubihanganira ntibazi ivyo bavuga, jewe sindirimba kugira ninezereze, oya n’akazi”.

West asohorera umuziki wiwe mu mazu y’imiziki atandukanye nka:Gold Records, Rise Production n’ahandi hatandukanye.


Chérif Nkeshima

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.