Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Matabaro arabaza ati :"kuki?" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Patient Matabaro > Indirimbo > Matabaro arabaza ati :"kuki?"

Matabaro arabaza ati :"kuki?"

samedi 4 Nzero 2014

Amajambo arimwo akababaro, mu ruririmbo ruteguye neza cane, ruryohera amaso n’amatwi. Ni Patient Matabaro atanga ubutumwa mu ruririmbo rwiwe rushasha aherutse gusohora.

« Why ?»ni umutwe w’ururirimbo ruherutse gusohorwa na wa muririmvyi muzi cane aherutse gutsindira ihiganwa rya Primusic. Ururirimbo ruri mu mudiho wa Reggae, ruvanze ururimi rw’ikirundi n’icongereza, rukozwe ku buhinga bwa none ni rwo Matabaro ahaye abakunzi biwe nk’akaganuke k’uno mwaka mushasha tumaze iminsi mikeyi dutanguye. Umutwe w’iyo ndiririmbo ni ikibazo Patient Matabaro abaza uwo yise umukunzi wiwe, ati : « kuki ?, kuki wambwiye kunkunda utazompemukira ? », ati : « uribuka amajambo wahora umbwira ». Mu majambo ari mu rurimi rw’icongereza, Matabaro aguma abaza ati : “ why do u break my heart?” bisobanurwa mu Kirundi “ kuki umbabariza umutima?”

Kugira ururimbo rukoze neza nk’urwo rusohoke rufise amasanamu aca ibibatsi, ni ku bw’ubuhinga bw’umuhinyanyuzi bwa «African Video Record» na Black Arthur.

Turabatuye ururirimbo "Why?"

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.