Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Miss Arlaine > inkuru > Miss Alraine yasobanuye ibijanye n’uburyo yambara mu biteramo
Miss Alraine yasobanuye ibijanye n’uburyo yambara mu biteramo
samedi 16 Ntwarante 2013
Miss Alraine ni umuririmvyi w’umurundikazi bimaze kuboneka ko agenda atera intambwe umunsi ku munsi. Uyu rero arakunda guhamagarwa mu biteramo bitandukanye bibera hano i Bujumbura. kenshi usanga abantu bamubonye uko aja imbere yabo aririmbira bibaza vyinshi, bamwe bakaba banamwibaza uko atari.
Ivyo vyatumye tumubaza igituma akunda kuba yambaye agakabutura gatoyi kandi kamufashe birenze, akakarenzako agapira nako nyene kamwegereye cane. abantu babibona biratuma bibaza ugutandukanye; bamwe bati ni imaraya abandi bati ni vyiza.
We avugako ivyo vyose bidasigura ko ari imaraya ahubwo ni uko akunda cane abaririmvyikazi nka Beyonce na Rihanna.
Ivyo bimutuma yumva aba ashaka kubigana, kuko azi ko bafise abakunzi benshi bakunda n’uko baba bambaye iyo baririmba, hama nawe akabona ko ivyo biri mubimwongereza igitigiri c’abamukunda kanatsinda, ngo iyo aravye asanga intumbero yiwe ayishikako .
Joel Sengurebe
Messages
21 Ntwarante 2013, 16:23
Ikigorye gusa,yibagira ko dufise imico n’akaranga bitandukanye. Iyo si inyambaro y’umurundi kazi.
27 Ruheshi 2017, 22:14