Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > Amasanamu > Mkombozi na K-Ross basohoye isanamu y’ururirimbo"Ndakuzirikana": (...)
Mkombozi na K-Ross basohoye isanamu y’ururirimbo"Ndakuzirikana": Amafoto
mercredi 29 Gitugutu 2014
Isanamu y’ururirimbo "Ndakuzirikana" yagiye ahabona, n’ururirimbo rwakozwe n’abaririmvyi Mkombozi na K-Ross wo mu Rwanda, isanamu ikozwe mu maguru masha kuko nta minsi iheze ururirimbo rusohotse.
Inyuma y’amezi atari make Mkombozi ategura gukorana ururirimbo na K-Ross wo mu Rwanda ariko umwanya ukamubera impambamyi kubera cane cane ibikorwa vya Primusic, igikorwa bakoranye carangiye. Isanamu y’ururirimbo "Ndakuzirikana" bakoranye yasohotse.
Tubibutse ko Mkombozi yatanguye kuja mu Rwanda kugira bakorere amajwi mu nzu y’ubuhinynyuzi Super Star Records. Abarundi bati:" Iminwe iryoha inyurana", K-Ross nawe yaciye yemera ko isanamu ikorerwa mu Burundi. Iyo sanamu rero yakozwe n’umuhinga yemewe mu masanamu y’i Burundi Black Arthur.
- Mkombozi na K-Ross ku kibuga c’indege ca Bujumbura
Ubutumwa bwumvikana cane mu ruririmbo "Ndakuzirikana" ni amajambo y’urukundo.
Raba aha munsi isanamu wongere wumvirize amajambo ari mu ruririmbo.
Cherif Nkeshimana
Messages
29 Gitugutu 2014, 15:07, par Kigongwe
BA MWISONERA KANDI MWIHANE
29 Gitugutu 2014, 15:12, par kanguru
aba baririmvyi bibaza ngo bari iburayi,imico yiburundi ntaco ibabwiye .nkabobakobwa berekana imyatata sinibaza ko abavyeyi babo bibatera iteka
30 Gitugutu 2014, 14:48, par by alex dusabe
Abarundi twatanguye gutera imbere ahubwo abaririmvyi b’iwacu iburundi boza baratambisha abakobwa bambaye isiripe niho umuziki wuburundi uzotera imbere.
30 Gitugutu 2014, 23:34, par Ndayiziga ABednego
Uko Nukwibagira Amabwirizwa YiMANA Nayakaranga Kabarundi
27 Ntwarante 2015, 19:20, par thierry muhweza bururi
mwaramutre ndabaramukije cane ndumuntu akunda ikiro nkaba nashaka yuko wonterera nkasohora indirimbo ibisigaye nimana nka ba nitwa thierry nkaba mvuka muri bururi comine rutovu zone muhweza munkenteye mwondondera kuri79264025nokuri enterine fesbuk saw muhezagigwe
30 Rusama 2018, 17:33, par kiremwa moise from Burambi-Gah
novuga ko boga ruka mugihugu c’amavuko kand bakizer’ Imana kuko arinkuru
9 Gitugutu 2018, 16:18, par Aikon beri
Ndabaramukij indirimbo irarengej.iryoshe can
9 Gitugutu 2018, 16:18, par Aikon beri
Ndabaramukij indirimbo irarengej.iryoshe can