Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngo ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ngo ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha

Ngo ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha

dimanche 30 Ruheshi 2013

Umuririmvyi wo mu gihugu c’Ububirigi yitwa Lara Fabian yubatse urwiwe na Gabriel ku myaka 43 y’amavuko.

Ku rubuga rw’ubuhinga ngurukana bumenyi facebook yamenyesheje ko ari umwanya wiwe nawe w’umunezero ari kumwe n’abakunzi biwe. Yarashimiye abamukunda ndetse n’abakunda indirimbo ziwe. Avuga ko abakunda cane kandi ko ubuho yiteguriye kubanezereza mu ndirimbo nk’uko yama.

N’aho abari mu bugeni bwa Lara Fabian babona umunezero wiwe waseseka ku ngohe, ngo ariko yamara ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha kuko ubusaza bwiwe bwagaragara. Lara ni umuvyeyi wa Lou afise imyaka itandatu, akaba yamuvyaranye na Gerard Pullicino. Lara rero abandanya avuga ko uyu mwaka w’2013 ari umwaka w’umunezero kuko awuronsemwo umugabo bagiye gusangira imyaka yose isigaye y’ubuzima bwabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.