Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni nde atoba aramenya Kiki Touré mu Burundi? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > KIKI Touré > Inkuru > Ni nde atoba aramenya Kiki Touré mu Burundi?

Ni nde atoba aramenya Kiki Touré mu Burundi?

jeudi 5 Nyakanga 2013

Kiki Touré n’umurirmvyi w’umurundi akiri muto ariko atanguye kwerekana ubuhinga mu kuririmba kwiwe. Ubuzima bwiwe bwo mu muziki, imvo n’imvano y’ukuririmba kwiwe, ibikorwa n’imigambi yiwe ni iyihe? Ivyerekeye indirimbo yiwe ikimota ubushasha “Rufuku” iriko iramenyekana no mu makungu.

JPEG - 34.5 ko
Kiki Touré

Umuririmvyi w’umurundi azwi cane muri Karaoké ku kazina k’ubuhizi Kiki Touré, yavukiye mu gisagara ca Bujumbura ku Mutanga mu 1993. Irankunda Joe Christian, kw’izina ryiwe ryukuri, Kiki Touré ku kazina k’ubuhizi yahawe na nyina wiwe, n’umuririmvyi akiri muto yatanguye amashuri matomato mu Ngagara muri karatiye y’7, abandaniriza kuri mashuri y’isumbuye ya SOS na Vugizo. Amashuri ya kaminuza akaba ariko ayakurikiranira kuri kaminuza International Leadership University mu gisata c’ukumenyekanisha ibidandazwa(Marketing).

Nkuko Kiki Touré avyivugira, yamye akunda umuziki. Akiri muto yarakunda kwumviriza indirimbo ziri mundimi zitandukanye, akazisubiramwo naho ataba azi ico amajambo yazo asigura. Uwo muhungu wa Nahigomeye Godeliève, umuririmvyikazi w’umururundi azwi cane kw’izina rya Makarena, yatanguye kuza arakurikira uwo muvyeyi wiwe muri Karaoké yiga mu mwaka 7. Aho hari mu 2007, mu kibanza citwa La Pirogue. Mu mwaka 2009 niho yafata mikoro atangura kuririmba ivyitabirizo vy’indirimbo. Yatanguye kuba kizigenza mu kuririmba indirimbo muri Karaoké mu 2010 kuri La Pirogue, yimukira ahitwa kuri Coeur d’Afrique. Aho hose Kiki Touré yaririmbana na Makarena umuvyeyi wiwe ndetse n’abandi baririmvyi nka Ivan n’umurwi Peace and Love. Kiki Touré yaritavye Tusker Project yabaye muri Kenya muri Ndamukiza 2012 aho ndetse yashitse mu gice canyuma c’iryo rushanwa rihuza abaririmvyi bo muri Afrika y’Ubuseruko.

JPEG - 65.2 ko
Kiki Touré kumwe na Makarena(umuvyeyi wiwe)

Indirimbo yiwe ya mbere yahereyeko kuririmba yitwa “Set me free”. Mu nyuma aririmba iyo abantu bise “Mapenzi” ariko kuvy’ukuri yitwa “Girl like her”. Kiki Touré ageze ku ndirimbo zitandato ziwe bwite. Muri izo hakaba harimwo iyikimota ubushasha kandi igeze kure mu gukundwa kurugero mpuzamakungu. Iyo nayo akaba ari iyitwa “Rufuku”( mushobora kwumviriza agace aha hakurikira).

Iyo ndirimbo iri mw’ihiganwa ry’inzu y’umuziki “Spinnin’s Records” iri muri Holland. Rufuku ikaba iri mu bibanza 70 vya mbere. Ivyo bikageda birahinduka bivanye nuko abantu baza barayitora ku rubuga rwa Spinnin’s Records. Ubu, Kiki Touré akaba afashwe mu mumongo n’umutunganya bikorwa( Manager) yitwa Takis Soulakellis Panagotis arongoye inzu nshasha y’umuziki African’s Sound Records. Ni nawe yashize iyo ndirimbo muriryo higanwa. Icipfuzo ca Kiki Touré ngo nuko umuziki w’Uburundi worenga imbibe za Afrika ugashika hose kandi abantu bakawemera. Kiki ati: “Nta mugambi mfise wo gukora urukurikirane rw’indirimbo. Nzobanza nkore indirimbo imwe imwe abantu babanze bamenye hama mbone kugira umugambi wo gukora urukurikirane”. Mwomenya ko abaririmvyi afata nk’akarorero ari Lionnel Richie, Kenny Rogers hamwe na Steve Wonder.

JPEG - 118.5 ko
Takis Soulakellis Panagotis kumwe na Kiki Touré

INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.