Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU yasohoye icegeranyo cagiriza Vaticano
ONU yasohoye icegeranyo cagiriza Vaticano
jeudi 6 Ruhuhuma 2014
Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka k’abana wasavye ko i vaticano boshira ahabona amadosiye yose ayamenyekanye n’ayatamenyekanye yerekeye abapadiri boba baragirijwe gufata ku nguvu abana kugira abagirirwa bashirwe ahabona bahanwe ibikwiranye n’amabi bakoze.
Muri uwo murwi bagiriza Ekleziya katolika, kuba batigeze bafata ingingo zikenewe mu gukinga ivyo vyaha, ahubwo iminsi yose Ekleziya katolika yoba yarondeye uburyo bwose bwo gukingira izina ryayo gusa bakibagira abo bana bariko barakubagurwa. Iyo nama igasaba ko hobaho impinduka zikomeye cane kugira koko agateka k’umwana gakingirwe. Muri uwo murwi basaba kandi ko hoshirwaho amategeko atomoye yo guhana uwo wese yagiriwe n’ico caha.
Mwomenya ko mw’itangazo ryaciye risohorwa i Vaticano, biyamirije ivyo birego bakagiriza ishirahamwe mpuzamakungu kuba bavuze ibintu ukutariko.
Floxella Karire
Messages
6 Ruhuhuma 2014, 13:58, par Djuma
ingaruka zose zibonekeza nuko abatiri babujijwe kubaka izabo kandi ntaho vyakabaye ko umuntu abuzwa kubaka urwiwe nicogituma abatiri bishora mungeso zitarinziza baba rekere ivyiyu nviro vyabo murakoze
7 Ruhuhuma 2014, 08:46, par Norris
Amabi yo gufata abana (abakobwa n’abahungu) ku nguvu umuntu akabashurashuza birakorwa n’abantu basanzwe bubatse, imisore,abari mu madini atandukanye yaba ayabakristu, aba islam, n’bandi. Bibaye ku mupatiri ni nkuko biba kuwundi kuko aba akoze icaha cagira we nyene. Si rero umugambi wa Catholica. Ntibinava kandi kuba batubaka izabo ngo barongore na cane cane ko ari ivyobaba biyemereye atagahato bakanavyitegurira imyaka myinshi. Uwumvise bitazokunda yobihagarikira hafi.
Birababaje kubona ivyo biba kandi bikwiye kurwanywa.