Accueil > Diaspora > Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri (...)
Petero Karaveri yashimiwe mu baharanira agateka ka zina muntu muri EAC
mardi 27 Gitugutu 2015, par
Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH niwe yaronkejwe agashimwe k’abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko (Pan-African Human Rights Defenders schield Award 2015)
Ako gashimwe uyo mutama w’imyaka 66 aharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo mu Burundi yaronse, kakaba katangiwe mu gihugu c’Ubuganda ku murwa mukuru wa Kampala. Petero Karaveri Mbonimpa akaba yaserukiwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa APRODH Fabiyano Sinankwakure ari kumwe n’umwe mu bana biwe asanzwe yahungiye muri ico gihugu, Amandine Nasasagare.
Ibirori vyitabwe n’abantu isinzi barimwo abaharanira agateka ka zina muntu muri Afrika y’Ubuseruko, abo mu bice bindi vyo ku mugabane wa Afrika, eka na Buraya.
Tukabamenyesha ko ako gashimwe, Petero Karaveri Mbonimpa akaronkejwe mu gihe ariko avurirwa mu bitaro bimwe vyo mu gihugu c’Ububirigi, inyuma y’aho ahatswe kugandagurwa arashwe kw’itama mu Carama ariko arataha i muhira iwe. Iyo ariko aravurirwa, akaba yemeza ko, niyatora mitende azoca agaruka mu Burundi kubandanya igikorwa yishinze co guharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo.
Nizigire Aristide
Messages
28 Gitugutu 2015, 00:09, par Falcon
CONGRATULATION mutama wacu dukunda gose"MUSHINGANTAHE,NTWARI Y’UBURUNDI" IMANA ihorane nawe muvyukora vyose.mugabo mutama wacu Mbonimpa guma mububiligi reka twebwe dukore akazi wewe ahawe humunwa haraheze ubu hageze aho gukoresha inguvu.
28 Gitugutu 2015, 05:36, par SATB
mutama niwirambire abasi bamaramare
28 Gitugutu 2015, 05:51, par Shalom
Ndagukej nyakubahw kwako gashimw waray urose.vyukur urugakwiy.ark nkundira witonde kugaruka muburundi,uraz kwabasi bawe bakaka.IMANA YOMWIJUR NIBAKIZ MWIBEREHO,ark atari muburundi.
28 Gitugutu 2015, 07:40, par Claude Havyarimana
Mutama Nibamushimire Arabikwiye Kuko Yakoze Ibikora Inka Naho Bashatse Kumugandagura Imana Yaramuzigamye Ahubwo Nakire Agaruke Kuko Ibikoregwa Mukinyegero Bitamenyekana Ni Vyinshi Ico Azira Harimwo Kiriba Ondess Nayandi Mabi.
28 Gitugutu 2015, 07:42, par Claude Havyarimana
Mutama Nibamushimire Arabikwiye Kuko Yakoze Ibikora Inka Naho Bashatse Kumugandagura Imana Yaramuzigamye Ahubwo Nakire Agaruke Kuko Ibikoregwa Mukinyegero Bitamenyekana Ni Vyinshi Ico Azira Harimwo Kiriba Ondess Nayandi Mabi.
28 Gitugutu 2015, 10:44, par omi
Ndagukej mugabo nahuzokira,ntuzotahe!!boca bakumaririza!
28 Gitugutu 2015, 10:58, par Nimbona Daniel
Ndamukeje,gusa mfise amakenga kuvyo ateguekanya mu kugaruka azokwitonde abansi bo barakaka.
28 Gitugutu 2015, 12:57, par intunva ziriko zigabanuka
ico gitama gishje kitagirijambo ahubwo yatevye karibuni mugihugu camata nubuki
28 Gitugutu 2015, 14:03, par akayezu
ntanumwe atomushima kuko yerekanye ubutwari mukurwanira abarundibagowe nabatagowe
28 Gitugutu 2015, 14:17, par Rosa kamakazi
ndagukeje karaveri , imana ikuje imbere uwanka yangare.
28 Gitugutu 2015, 15:08, par Dodo
MUTAMA NTACO ABANTU BOMWISI TWOGUHA.IMANA YONYENE NIYO IZO KUGORERA.
28 Gitugutu 2015, 15:21, par Bakari
@Claude Havyarimana
"Mutama Nibamushimire Arabikwiye Kuko Yakoze Ibikora Inka"
Ariko wotubwira igihambaye inka ikora uretse guta amase n’ukuganga?
Naho niwaba wibaza ko ariyo irimwo inoti yonyene uritonda: jewe ndamaze kubona abadandaza bakaronka ama miliyoni y’ama dollars bayakura mu nkoko! Ingurube zo ntizivuzwe! None boca bivuga ngo: "ukora ibikora ingurube"?
Reka kwifata nk’umukondo w’isi!
28 Gitugutu 2015, 16:41, par CEDRIC
NAJEWE NDABAKEJE CANE MUTAMA WANJE CLAVERT KUKO MWAKOZE IBIKORINKA MUKWAMA MUDUTOHOREZA UBWICANYI BWORE BWAMYE BUGIGWA NIMBONERAKURE NA PETER AFADIKANIJE NA RUDOLUFE! HAMA NDIZIGIRA YUKO NKURUMBI NAKARWI KIWE IBI BIMWERETSE YUKO IYI MANDAT ATAZOGENDA AYIDUTWARANYE KUKO DUSHIGIKIWE N’IBIHUGU VYA RUTURA! NB:- MUTAMA NTUZE UHIRAHIRE NGO UGARUKE MU BURUNDI CNARED ITARAKIRAMUTRWA KUKO NKURUMBI YOCA AGUHOHOSHA NARIRYA YAGUHUSHIJE! KANDI URAZINEZA YUKO NYAMBONERAKU ZIHERUTSE KUBAGANDAGURIRA UMUKWE WANYU DONC, MURAKWIYE KUGABA CANE GOSE MUTAMA WACU KUKO UBURUNDI BURACABAKENEYE NUKURI IMANA IBAHEZAGIRE.
28 Gitugutu 2015, 18:15, par Nkurunziza emanueli
Nkabarundi nahotugowe turamukeje.
28 Gitugutu 2015, 18:24, par Nkuruziza emanueli
Abamwankabose imanibaharire kukosibo nisatani nabadayimoni badashakako bagumabanywa amaraso yabarundi.
28 Gitugutu 2015, 19:19, par NDIHOKUBWAYO Jean Baptiste
Umutama Wacu Nabandanye Ashimirwa N’amakungu Kuko Biragaragara Neza Ko Adatamba Yirorera Maze Imana Imufashe Imurinde Inabi Yose Yoza Imushikira Kugirango Abandanye Imirimo Yiwe Natwe Abanyagihugu Tumuri Inyuma Kuko Ivyakora Tubishima Imana Imutuzigamire Pe!
29 Gitugutu 2015, 10:20, par manirakiza deo
Turagukeje,imana ikongere inkomezi ubandanye urugamba kuko impinga iracari ndende
29 Gitugutu 2015, 11:24, par cumacindubaruba
abobantu isinzi se barihehe ? inkina mico za politique ziri kwinshi.
31 Gitugutu 2015, 06:37, par JOSEPH B.
GIR AMAHORO MUTAMA IMANA IGUHEZAGIRE NDAGUKEJE URWARA NAHO I BURUNDI TUGOWE MABI NTACO NTAMVURA IDAHITA!!!!
31 Gitugutu 2015, 06:53, par NKUNDURWANDA
Iyo ntambwe MBONIMPA yaronse agashimwe kubera ko yahaye inkoho aba jeunes b’abatutsi? ubwicanyi Claver yabutanguye kuva kera!
31 Gitugutu 2015, 13:46, par Paul Kagome
Ego n’ashimirwe kuba yarakokeje intambara,yarungitse urwaruka mw’ibarabara bakaba bagira bamwigireko kurasa,tactique nawe ntayo azi neza!