Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Plata Platini > Inkuru > Plata Platini yateguye igiteramo kizobamwo insiguro y’urukoba (...)
Plata Platini yateguye igiteramo kizobamwo insiguro y’urukoba rwiwe
vendredi 12 Nyakanga 2014
Plata Platini ariko ategura igiteramo kizoba ica mbere mu buzima bwiwe. Plata ashaka kuzokwerekana ico amaze nk’umuririmvyi afise ico yisangije mu Burundi. Abatazi insiguro y’urukoba rwiwe uwo munsi bazosobanukirwa.
Igiteramo ariko ategura co mu kwezi kwa Kigarama 2014 yagihaye intumbero nyinshi. Imwe n’uko Plata azoba yibuka imyaka cumi (10 ans) amaze ari umuririmvyi abona iyo ariko araja. Iyindi ntumbero n’uko azosigura ikintu abantu benshi batazi insiguro ubunyamwema. Udupapuro twinshi turiko iyo nsiguro tuzotangwa.
Plata azogira igiteramo ca mbere ca "LIVE", naho ataramenya abaririmvyi bazomushigikira, gikuru n’uko wewe ariko arategura arondera ivyuma n’uburyo. Integuro y’igiteramo ayitanguye kare, Plata ati :"Urubanza rwose rutegerezwa kwitegurirwa kare". Ico giteramo nta mahera azorihishwa, ariko uwuzoshaka kumushigikira azogura "CD" yiwe amahera ibihumbi bitanu (5000frs Bu).
Tuzobashikiriza uko ico giteramo kiriko kirategurwa gushika kibe n’igenekerezo kizoberako.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Nyakanga 2014, 20:11, par Maja
Nakomere kumuheto.