Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Imvura nyinshi yahitanye abantu cumi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Imvura nyinshi yahitanye abantu cumi

Rwanda: Imvura nyinshi yahitanye abantu cumi

mercredi 8 Rusama 2013

Mu karere ka Gakenke na Rulinda haravugwa imvura imaze iminsi ibica bigacika, yahitanye abantu 10, isambura amazu, yonona imirima. Ibarabara rihuza Kigali n’amajaruguru rirasenyuka.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo mu gihugu ariko bamenyesheje ko hari inzira bamaze kubona imodoka zija mu maja ruguru zivuye i Kigali zoba ziracamwo.

Imiryango mirongo umunani n’itanu niyo imaze gukurwa mu zabo. Umuyobozi w’akarere ka Rulindo, Niwemwiza Emilienne yavuze ko imiryango amajana icenda ariyo itegerezwa gukurwa muri ako karere kuko gashobora kwizizirwa n’ibindi biza.

Niwemwiza Emilienne yamenyesheje kandi ko iyo miryango igera ku majana icenda itegerezwa kuba yimuwe mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka turimwo, abatishoboye Leta ikazobafasha kwubaka ibirwati ahantu hazoba hari umutekano.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.