Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shakira > Shakira yemeye guheba vyose kubw’umukunzi wiwe
Shakira yemeye guheba vyose kubw’umukunzi wiwe
lundi 10 Ntwarante 2014
Umuririmvyikazi Shakira yatangaje ko umugabo wiwe Gerard Piqué, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru yamubujije gukora amasanamu y’indirimbo ziwe n’abagabo. Iyo ngingo ayakira neza kuko adashaka kubabaza umukunzi wiwe.
Shakira akeneye ko umugabo wiwe atogira ingorane n’imwe ivuye kuri we, yohava itosekaza urukundo bafitaniye na Gerard Piqué. Kugirango amuryohere Shakira avuga ko yemera guheba ico kintu cose cobabaza umugabo wiwe. Muri ivyo agiye guheba harimwo gusohora amasanamu y’indirimbo ziwe ari kumwe n’abagabo.
Avuga kandi ko bimuryohera kuko bimwereka ko umugabo wiwe ashaka ko ata wundi mugabo yohirahira ngo akore ku mugore wiwe. Amajambo Shakira yavuze yanditse mu rurimi rw’igifaransa avuga uku : "J’aime qu’il protège son territoire et que j’aie de la valeur pour lui, bisigura mu Kirundi uku :"Ndakunda ko ashaka gukingira akarere kiwe, kandi ko mfite agaciro imbere yiwe".
Mwomenya ko umuririmvyi Shakira yubakanye n’umukinyi wo mu murwi wa FC Barcelone Gerard Piqué kuva mu mwaka w’2010. Bamaze kuvyarana umwana umwe yitwa Milan Pique Mebarak.
Chérif Nkeshimana
Messages
10 Ntwarante 2014, 22:28, par Tollo
Mwire murakoze kwaya makuru mumpaye none ubwo mwumva atamukunda buriya amuha umuzigo neza canke arayoka icuma ca pink kirakora bein
11 Ntwarante 2014, 13:17, par Billy
C,est la jalousie de love,poa piqué
12 Ntwarante 2014, 06:56, par Big christophe
Ese abagore b’Abarundikazi bokwigana SHAKILA mukubaha abagabo babo!!abagabo b’ABARUNDI bonezegwa nkabibereye muri paradis.murakoze