Accueil > Amakuru > Rwanda > Ubufaransa bwemeye gutanga amakuru kw’ihonyabwoko ryabaye mu (...)
Ubufaransa bwemeye gutanga amakuru kw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda
mercredi 8 Ndamukiza 2015, par
Reta y’Ubufaransa yemeye gutanga amadosiye yari yabitse ajanye n’ivyabereye mu Rwanda kuva mu 1990 kugera mu 1995, bikazofasha mu kumenya ukuri kose kw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda mu 1994.
Amakuru duhabwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP amenyesha ko ibiro vy’umukuru w’igihugu w’Ubufaransa vyamaze kwemera gutanga amakuru yari yarimanywe, abitswe mu bubiko bw’inzandiko zivuga Urwanda kuva mu 1990 kugera mu 1995.
Umunyamabanga wa Reta y’Ubufaransa, Jean-Pierre Jouyet, kuri uyu wa 7 Ndamukiza 2015, umunsi Urwanda rwatanguriyeko kwibuka ku ncuro ya 21 Abatutsi bagandaguwe mw’ihonyabwoko ryabaye muri ico gihugu mu 1994, niho yateye umukono ku masezerano y’ukutagira ibanga ububiko bw’inzandika za Reta y’Ubufaransa, zivuga Urwanda kuva mu 1990 kugera mu 1995.
- Abanyarwanda batanguye kwibuka ku ncuro ya 21 Abanyarwanda baguye mw’ihonyabwoko
Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, amenyesha ko kuva ingabo zahoze ari iza RPF Inkotanyi zihagaritse ihonyabwoko mu 1994, Ubufaransa bwari bwaranse gutanga amadosiye avuga ibikorwa vy’ico gihugu mu Rwanda, mu myaka y’ihonyabwoko.
Amadosiye agiye gushirwa ahabona arimwo ay’urwego rw’Ubufaransa rujejwe igendereza rya gisirikare, ay’urushinzwe umutekano wo hanze, ay’ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Élysée, ay’urwego rwari rushinzwe imigenderanire hagati ya Kigali na Paris, harimwo ayo mu gihe co kuva kw’igenekerezo rya 6 kugera kurya 15 Ndamukiza, hakabamwo amadosiye y’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, hamwe ay’ubushikiranganji bw’ubwivuna abansi.
Igihugu c’Urwanda cagiriza Ubufaransa kugira uruhara mw’itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu 1994. Kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2015, niho umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yacana urumuri rw’icizere, mu gutanguza iminsi 100 yo kwibuka ku ncuro ya 21 ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda.
- Hacanywe urumuri rw’icizere, mu gutanguza iminsi 100 yo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda
Egide Nduwimana
Messages
8 Ndamukiza 2015, 13:40, par eddy
Ego bagize neza ku declassifia amakuru bari baragize ibanga ,abahinga muvy’amategeko na politique, ni bakore,barabe ko hari ukundi kuri tutazi twoshobora kumenya,intahe maze iheze ikore; kugira bifashe ko les complices puissent etre deferés devant la justice.
31 Gitugutu 2015, 08:34, par Niyonkuru Louis
Mbega Niyo Mpamvu President Kagame Ariko Aromora Abahutu?Nibazo Ko Retour Yabo Izoba Mbi Cane Kuko Ico Gihe Abatutsi Nabo Bazomoka.
31 Gitugutu 2015, 08:35, par Niyonkuru Louis
Mbega Niyo Mpamvu President Kagame Ariko Aromora Abahutu?Nibazo Ko Retour Yabo Izoba Mbi Cane Kuko Ico Gihe Abatutsi Nabo Bazomoka.
31 Gitugutu 2015, 08:36, par Niyonkuru Louis
Mbega Niyo Mpamvu President Kagame Ariko Aromora Abahutu?Nibazo Ko Retour Yabo Izoba Mbi Cane Kuko Ico Gihe Abatutsi Nabo Bazomoka.
26 Munyonyo 2015, 18:45, par KWESSO
JEWE NIYUMVIRAKO GUSHIRA AHABONA INGENE VYAKOZWE SIWO MUTI AHUBWO BOBANZA BAKA8WYIHWEZA NEZA