IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Nziza Desire > Ubwoko bw’indege bwakoreshejwe mw’isanamu ya Nziza Désiré ntibumenyerewe

Ubwoko bw’indege bwakoreshejwe mw’isanamu ya Nziza Désiré ntibumenyerewe

vendredi 1er Myandagaro 2014

Umuririmvyi Nziza Désiré yasohoye isanamu y’ururirimbo yise "Wowe", isanamu iboneka ko yakoreshejwe mu buryo buzimvye. Ubwoko bw’indege butamenyerewe nibwo buboneka, hamwe n’umukobwa ari mw’isanamu. Uwo muririmvyi yimirije gusohora ku mugaragaro urukurikirane rw’indirimbo yari amaze iminsi ategura.

Isanamu y’urururirimbo "wowe" ya Nziza Désiré ishobora kuba yakozwe ku buryo buzimvye, aho uwo muririmvyi aboneka mu bwoko bw’indege butamenyerewe. Amajambo akomeye arumvikana muri urwo ruririmbo. Nziza aririmba mu majambo akurikira :

"Nobura vyose nkabona wowe, harya nta na kimwe kizoza kikuruta."

" Amahera, amazu meza, no no no..."

"Iyo miduga yose, ibindi vyose, ntaco bimbwiye, umutima wawe...",

"Ntawoza akuruta naho yoza asa gute"

"Akajwi kawe gatuma inyoni ziririmba"

Mwomenya ko Nziza Désiré agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo 8 ziri mu rukwirikirane UN. Izo ndirimbo ni izi zikwirikira: Ntanakimwe, Kuzaliwa, Wowe, Sinzoguheba, Urukundo, UN(ONU), Ikigongwe, Vital’o.

Umviriza amajambo ari mu ruririmbo "Wowe"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndafise ikibazo, uwuzi inyishu, ndasavye ampe inyishu. Mbe uwo muririmvyi n’Umurundi canke n’Umunyarwanda ?
    Murakoze

  • ngira mwashatse kumugirira promotion gusa , da kuko izo helicoptere zirukuye ni iza kera , no mu Rwanda zirukuye muri akagera aviation , ku ma dollard adashika n igihumbi urayikotesha mu Rwanda , so ntimusubire kubesha abantu ngo ubwo bwoko bw indege ntibumenyerewe .

  • Ngira ni umurundi. Ariko abagore babaririmvyi baratuntuye kweli. None baravye arya ma sanamu bavyifatamwo gute?

  • Izi ndege ni myinshi mu Rwanda, so nta gitangaza kirimo.

  • Nziza Desiré avukana na Docteur Claude hamwe na Peter Niyo bose nabaNyarwanda gusa bavukiye i Burundi .Dr Claude we yaramaze gutaha i Rwanda nubu niyo aba ariko Nziza we ubu aba Usa urunva ni aba Nyarwanda 100% ariko nanje nfise ikibazo iyo album UN ya desiré imaze imyaka 5 yarasohotse none nubu isubiye gusohoka???? iza irasohoka yinjira isohoka yinjira

  • Sha Paul ko Nziza aba umurundi canke umunyarwanda ntakibazo biteye, je mfise ikindi kibazo; abo banditse bavuga ko urwanda rufise indege urwenda n’urwobeza, nibatubwire ubwo bumwe gusa bw’indege urwanda rukora, hanyuma babonereho kugaya izindi ndege.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.