IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Will.i.am > Umucuraranzi Will.i.am yasubiye kuntebe yishure

Umucuraranzi Will.i.am yasubiye kuntebe yishure

vendredi 19 Ndamukiza 2013

Will.i.am azosubira kuntebe y’ishure muri Nyakanga iza.Uwo muririvvyi asanzwe akunda ivy’ubushakashatsi,aripfuza kwiga Physique kandi ariteguriye noku bikundisha abakunzi biwe.

Kubwiwe kugira ubumenyi buhanitse mu buhinga ngurukana bumenyi canke kumenya vyinshi mu bisata vy’imibano,birahobora guhindura ubuzima bw’urwaruka rwibana mumazu.

Will.i.am agereranya umuziki n’ukunonora imitsi ,ariko kandi arakeza abahinga batoye ubuhinga ngurukana bumenyi bita Facebook na Twitter kuko biragaragara ko ba hinduye isi mu bikorwa vyabo.

Avuga kandi ati hamwe woba wibana munzu yawenyene ukiri umuyabaga,ukaba wipfuza guhindura ubuzima bwawe ,ubw’ umuryango wawe be n’ubwaho ubaye,fata aho ubaye nk’umukunzi wawe ,gerageza umenye neza ubuhinga,ubumenya nka kurya kwa Bill Gates na Steve Jobs.

Will.i.am aheraheza yibaza ko abacuraranzi nkawe hamwe n’abakunzi biwe bagiye gufata akarorero kuriwe nabo bagasubira mw’ishure.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.