Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhinga mu bijanye n’ibiza muri OMS yafashwe na Ebola - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuhinga mu bijanye n’ibiza muri OMS yafashwe na Ebola

Umuhinga mu bijanye n’ibiza muri OMS yafashwe na Ebola

lundi 25 Myandagaro 2014

Nk’uko ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) ryabishikirije mw’itangazo ryasohoye kuri uwu w’Imana, bamenyesha ko umuhinga wo muri iryo shirahamwe, yakorera mu gihugu ca Sierra Leone mu kugwanya ikiza ca ebola, yafashwe n’iyo ndwara.

Iryo shirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) rikamenyesha ko ari ubwa mbere umwe mubakorera mu migwi yabo yanduye uwo mugera. Umuvugizi w’iryo shirahamwe akavuga ko yari umuhinga mu bijanye n’ibiza. Ico batavuze n’imyaka yiwe n’igihugu avamwo. Uwo muhinga akaba ariko aravugwa mu buryo bushemeye bushoboka.

Amakuru ava muri OMS avuga ko kuva ikiza ca Ebola giteye, ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) rimaze gukwiragiza abahinga bagera ku 400 mu karere k’Afrika y’uburengero karimwo Ebola, nka Guinée, Liberia, Nigeria na Sierra Leone. Inyuma y’amezi 6, abantu barenga 225 bakora mu gisata c’amagara y’abantu bakaba baranduye ico kiza ca Ebola, abashika 130 nabo kikaba carabahitanye.


Nadège Irakoze

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.