Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu wundi yitavye Imana biturutse kw’ibura ry’amaraso - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umuntu wundi yitavye Imana biturutse kw’ibura ry’amaraso

Umuntu wundi yitavye Imana biturutse kw’ibura ry’amaraso

vendredi 22 Myandagaro 2014

Uwundi muvyeyi yitavye Imana mu ntara ya NGOZI biturutse kw’ikena ry’amaraso rimaze iminsi kubera ko ubumwanya asanzwe ashingurwamwo bwakenye muri kino gihe.

Mu ntara ya Ngozi, Hari uwundi murwayi yitavye imana bivuye kw’ibura rya maraso rimaze iminsi mu gihugu cose. Uwo murwayi yitavye Imana ku munsi wa kabiri akaba yari amaze iminsi itari mike yarataye ubwenge ,akaba yariyasinzikajwe n’uko isango ryo kubagirwako ryaguma risubizwa inyuma, bituritse kuri iryo kena ry’amaraso nyene.

Kubera ko ivyo bitaro vyaguma bisubiza inyuma isango ryo kubarwa kuko ata maraso yari ahari, vyabaye ngombwa rero ko bamwungururiza ku bitaro vy’ i Kkiremba kugira abe ariho abagirwa. Ariko amakuru ava aho i Ngozi amenyesha ko uwo murwayi bitakunze kwabaho kuko yitavye Imana akigera imbere y’ivyo bitaro nyene i Kiremba. Ariko amakuru ava ngaho i Ngozi amenyesha ko, ku munsi w’ejo hari hitezwe ubwo bumwanya bwo kuyabikamwo bushika ijana , intara ya Ngozi akaba ari nayo isanzwe iha izindi ntara zose zo mu Buraruko bw’igihugu.

Tubibutse kandi ko mu gisagara ca Bujumbura hari uwundi muvyeyi yarahejeje kwibaruka yitavye Imana nawe, kubera yabuze amaraso kubera ko ubumwanya bwo kuyabikamwo bwari bwakenye.


Floxella Karire

Messages

  • abarundi mwari muzi gutora imagabi kabisa ??iki nicerekana ko abarundi turi ibigugu ?dutora tutazi icobita gutora idongozi??aba DD nawe amezi 2 babasaba ubu mwanya bubika amaraso ??%?abashingamateka murihe???imitwe yabaDD irimwo itsinga nyishi

  • Mbega basha karaciye ingani tubandanye duhona kubera bakanyeshamba Barundi humuke amaso duhindure iyi ntwaro turabe ko twobaho nkabandi kuko ibintu bigeze habi ivyago vyose asigaye ari twebwe.

  • abarundi twabsy gt ico kibszo reta irorey hapfe ijana kugira igitorere inyishu? ntibabona ko ari nujwitukisha babuz nigihugu baba barayatiza

  • Ayo maetage yoyo ntasiba kuduga,ikindi duherutse kubemerera amamiliyalidi ngo ni budget yigihugu kandi kandi zari inzu zabo bagomba kubandanya.sineza yigihugu aba DD barondera

  • Ariko Mana ibivyo birarenze ubwenge bwumwana w’umuntu!1none amafranga birirwa bariba barabuze ayo kugura ishashe zibika amaraso kweli?????!!!!!nooooooooooooooooooooooooooooon ibi biraturambiye kubona abantu bapfa bazira intwaro mbi yabantu biba bashira mumifuko yabo!!!!mbega baba dd ngo ni mama nyakuvyara abana bigito nkaba dd ko ataco avuga ngaha!!yahora yiterera hejuru ngo DD dd umwanya woose ntadendembe ubunaho twumve!!Asyiwe!!abantu gito babaho!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.