IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Paterne Hica > Paterne Hica umuririmvyi ari mu mahanga ahamagarira abategetsi gutwara (...)

Paterne Hica umuririmvyi ari mu mahanga ahamagarira abategetsi gutwara neza

mercredi 26 Ntwarante 2014

Umuririmvyi w’umurundi ari nu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika aherutse gusohora uririmbo aho asaba abarundi gukundana bibagire ubutandukane bw’ubwoko n’intara, asaba abarongozi gutwara neza. Yiyamiriza kandi intambara.

Iyo aba mu gisagara ca New York neza na neza i Rochester, Paterne Hica ntiyibagira guterera mw’ihinduka ry’ibintu mu gihugu ciwe c’amavukiro. Mu ruririmbo yise "Abarundi Dukundane",aherutse gushira ahabona amajwi, Paterne Hica ahamagarira abatware gutwara neza, barinde aho hose hova intambara. Asaba abarundi kurengera ibibatandukanya nk’intara n’ubwoko ni bindi. Avugako Imana yabaremye ari imwe.

Paterne Hica ahamagarira kwirinda intambara, yahoze ari mu buhungiro mu gihugu ca Tanzaniya ari naho yatanguriye kuririmba, hari mu mwaka w’i 2005. Ashitse mu Reta zunze ubumwe za Amerika ntiyahagaritse kuririmba. Uwo murundi atubwira ko umwanya wo kuririmba atawuronka bikwiye nk’uko avyiyumvamwo kuko n’umunyeshure kuri Saint John Fisher College.

Aho mu mahanga, Paterne avugako aguma ari umurundi ari naco gituma indirimbo nyinshi ziwe ziri mu ruririmi rw’Ikirundi canke mu giswahili aho ni nk’ururirimbo "Nzokubona gute" canke "umoja"ruri mu giswahili.

Umviriza impanuro ziri mu ruririmbo" Abarundi Dukundane"


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Turabashimira cane ukunge muza mudushikiriza amakuru meza kandi mumenyekanisha abarimvyi barimumahanga. Mukara akazi keza cane. Mubandanye mutera imbere. Thx Cherif

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.