Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Leonard Niyomwungere ati : "Urima itiro ukimbura (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Leonard Niyomwungere ati : "Urima itiro ukimbura (...)

Umuririmvyi Leonard Niyomwungere ati : "Urima itiro ukimbura ingonera"

vendredi 11 Mukakaro 2014

Umuririmvyi w’umurundi Willy Leonard Niyomwungere aherutse gusohora ururimbo ruvuga ku makuba y’ubuzima umuntu agenda ahura nayo.

Ururirimbo yarwise "Urima Itiro", uwo muririmvyi yshimye kuduha agace gatoyi k’ururirimbo. Ako gace kagizwe n’igitero kimwe gusa n’icitabirizo. Willy Leonard Niyomwungere aririmba muri aya majambo

:" Urya munsi nahuye n’umuvyeyi yicurikiye ariko araganya akorora amosozi, ati : " ubuzima burananiye ngiye gupfira mu bana. Inzara yabaye ndanse, tugiye kwicwa na kigoyi. Ibiciro vyaraduze, ibidandazwa ntibikigenda, isi yaratituste amahera ata agaciro". None ihorere mama ivy’isi niko bigenda ariko ntiwihebure akagumye bagumako".

Igitero c’ururirimbo kivuga uku :

"Ubuzima ni nk’inkino itetse ibiharage, uyiguma iruhande ukaguma wenyegeza, wishinze kurira ibiharage birafumba, urima itiro ukimbura ingonera".

Tubibutse ko umuririmvyi Willy Leonard Niyomwungere aba mu gihugu ca Canada aho akorera ivy’ubuvuzi ariko asanzwe ari umuririmvyi.

Umviriza ururirimbo "Urima Itiro"


Cherif nkeshimana

Messages

  • Amahoro cane Leonard. Nagira ngushimire cane kuri urwo ruririmbo rwiza rutanga impanuro nziza kuri bose, ariko cane-cane ku rwaruka BIGIZE BA SEBUNEBWE ku ma LIGALA NGAHA MU BURUNDI ukamengo ni ho ubuzima busigaye buri. Urakoze cane. Niwaramuka uje gutembera mu Burundi, uzokwigore ushike i Gitega, urabe ivyo turiko turakora muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, aho turiko turita ku giti ngo duhe urwaruka rw’Uburundi ubumenyi twize mu buhinga bw’umuziki kugira benshi bavyubakireko umugambi wa kazoza kabo. Turaguhaye kaze nukuri uzohashike, uduterere ivyiyumviro ku vyigisho dutanga, mbere washaka twogutegurira umwanya w’ibiganiro (exposes) woha abanyeshure. Mugabo n’ubu utaraza, ntiwobura uko wofasha INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA kuko ari iyacu twese Abarundi. Turagusavye ukoranye vyihuta Bene wacu b’Abarundi bari hiyo muri Canada, ubamenyeshe ivya ca Gitabo nandika citwa DE L’INANGA A LA MUSIQUE CLASSIQUE-L’HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE, uheze ubatubwirire ko tubasavye kutugurira ico gitabo ku bwinshi kuko amafaranga kizogurishwa ahanini nifuza kuyafashisha iri Shure. Uwumva yogura bibiri canke 3 canke 5 gutyo-gutyo yoha abandi bagenzi biwe, abikore, muzoba mudufashije. Ntihagire Umurundi mwene wacu n’umwe asigara inyuma mu kudushigikira. Ngira ngo ayo si amafaranga tubasavye gutanga kwa gusa, tubasavye kutugurira ivyo twakoze maze tubone kubandanya ibikorwa twatanguye. Mu kwandika ico gitabo, ubwanje nagomvye kandi kwereka Abarundi ko ntareze amaboko mu gutanga inguvu n’ubumenyi bwanje kugira ico gitabo kizofashe rino shure. Ivy’ico Gitabo birasobanuwe neza kuri runo rubuga rwa igihe.bi. Abokwifuza kugira ico bambaza, botelefone kuri 25779877097 canke bakanyandikira email kuri: jbaransananikiye@yahoo.fr. Ndagushimiye cane, Muvukanyi wacu Leonard, Imana Ikuje imbere.

  • Nanj Namy Nkunda Kuva Kera Indirimbo Zanyu. Nkaba Nsab Iyo Album Nshasha Yitwa: Ingoma Yaw Igiy Kurangira Ko Mwoyirungika I Burundi Vuba. Ntabwo Ndazumva.. Ibisigay Muzombaz Alida Niyomwungere Anzi Bihagije.

  • Nanj Namy Nkunda Kuva Kera Indirimbo Zanyu. Nkaba Nsab Iyo Album Nshasha Yitwa: Ingoma Yaw Igiy Kurangira Ko Mwoyirungika I Burundi Vuba. Ntabwo Ndazumva.. Ibisigay Muzombaz Alida Niyomwungere Anzi Bihagije.

  • Nanje ndanezererwa cane nindirimbo zawe nacanecane nibutseko uri umunyamivumagira umwami abane nawe

  • turinyuma yawe Niyomwungere kuko ivyiyumviro vyawe bidufasha vyinshi ugire umugisha muvyawe no mubawe

  • Je Kubwanje Niba Yuko Niyomwunge Ari Umuririvyi None Aca Aba Nu Murimyi Nagira Akazi Kiwe Ni Umuririmvi .

  • nanj shima impanur ushira mwiz ndirimb zawe imana iguhezagir

  • Nukuba maso Leonard niyomwungere akoresha facebook kwizina ryumuntu atazwi agatuka abantu.Umunsi numunsi azocakirwa kuko dufise abamaze kumumenya.Murakoze

  • Leonard niba mutamuzi arateranya ahageze hose.Akoresha facebook kwizina ritazwi agatuka reta yuburundi nabarundi.Mube maso kuko ahaba Quebec baramumenye bose.Murakoze mube maso ivyiwe birazwi.

  • Telecharger Urimitiro By Niyomwungere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.