IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fina Handsome > Ururirimbo “Ananibamba” rwa Fina Handsome rwatumye benshi bidogera Hope (...)

Ururirimbo “Ananibamba” rwa Fina Handsome rwatumye benshi bidogera Hope studio

mardi 19 Ntwarante 2013

Fina Handsome ni umuririmvyi benshi bavuga ko ariko aratera imbere. Bamwe mu bamukurikiranira hafi baremeza ko afise kazoza keza mu muziki. Ivyo bakaba babivuga bafatiye ku buhinga basanga mu bikorwa vyiwe.

Uwo muririmvyi yaramaze iminsi ariko arategura ururirimbo rushasha rwitwa “Ananibamba” muri Hope studio, ariko kugeza ubu hakaba haheze amezi arenga atatu Clovis pro umuhinyanyuzi na Victor mwene studio bamuhenda ko ururirimbo rwamaze gutungana neza.

Kubera igishika rwari rurindiranwe, vyatumye ibinyamakuru bitandukanye biruvugako vyinshi kubera ubuhinga n’amajambo meza yarwo. Fina Handsome nawe yagiye aratanga ibiganiro ku binyamakuru bitandukanye avuga ivy’urwo ruririmbo rwiwe, anavuga ko vyomufasha kumenyekana kandi bigatuma n’abakunzi biwe barushirizaho kumukunda.

Abantu rero ubu baribaza ibibazo vyinshi. Mu nyuma y’aho Fina Handsome asiguriye ko ari Clovis Pro yamuhemukiye kandi ko amahera yose bavuganye yarayamuhaye, vyatumye benshi bidogera uburyo Hope studio yavyifashemwo.

Fina Handsome ubu avuga ko vuba cane agiye gukorera ahandi ataratangaza, kandi ko atazoteba gusohora, na cane cane ko asanzwe afise urugendo mu kwezi kwa Mukakaro ruzomushikana mu gihugu ca Ouganda aho azoba agiye gukorera muri studio kwa Washington indirimbo ziwe, hama akaba anashaka ko “Ananibamba” yoba yamumenyekanishije bikwiye imbere y’uko afata urwo rugendo.

Aho twomenyesha ko atari Clovis Pro wenyene yidogerwa n’abaririmvyi, kuko bamwe mu bahinyanyuzi ba hano mu gisagara ca Bujumbura usanga bishuza amafaranga, bamara kuyashikira ntibaheze ngo bubahirize amasezerano bagiraniye n’abaririmvyi, Ivyo bigatosekaza imigenderanire n’umubano hagati yabo, ntibibuke ko bakora kubw’abaririmvyi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.