Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zoé Saint Regis : "Bagwiza imigambwe itagira imigambi, bagura inda imitwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Zoé Saint Regis > Amasanamu > Zoé Saint Regis : "Bagwiza imigambwe itagira imigambi, bagura inda imitwe (...)

Zoé Saint Regis : "Bagwiza imigambwe itagira imigambi, bagura inda imitwe ikonda"

lundi 23 Ntwarante 2015

Isanamu y’ururirimbo rwaririmbwe na Zoé Saint Regis na GN yasohotse, amajambo ari mu ruririmbo ni nkoramutima. Isanamu itandukanye n’izindi, ibonekamwo ibiringo bikomeye vya politike.

Nk’uko umuririmvyi Zoé Saint Regis asanzwe atanga ubutumwa bwiwe buciye mu ndirimbo, ubu hoho yabucishije mu majambo no mw’isanamu y’ururirimbo. Iyo sanamu ibonekamwo ibiringo bikomeye Uburundi bwaciyemwo, kandi buriko bucamwo n’ubu : imigambwe isambuka, umurwi wo kumenya ukuri (CVR)," SINDUHIJE mu buhungiro", amazina y’abanyeporitike nka RWASA, Jacques BIGIRIMANA, "NDUWIMANA Maestro de NYAKURI", "NON au 3eme Mandat", n’ibindi.

Ururiririmbo rwitwa"Truth

Mu majambo baririmba bati : "Harabaye ntihakabe, hapfa abanyeporitike n’ikinyoma hagasigara abanyagihugu n’ukuri. Ndakubwize ukuri, nkunda ukuri ariko ndatinya kukuvuga kuko hari abo kubabaza n’abo kuryohera,..ntuje narwo ngo bakubeshe mu majambo gusa niho bashigikira, wewe tangura gusa tuzokurikira, mu munezero bazokwuzura, isama-magara rigeze umwe wese asama rwiwe.

Muri urwo ruririmbo barongera bati : "Sinokumbwira ngo sinzokubesha, bagwiza imigambwe ata migambi, bakagura inda imitwe ikonda, ikibababaje abanyagihugu amajwi yacu tukabahunda. "Je suis désolé aba ba types baratubesha, imigambwe y’abo n’amadili gusa..."

Umviriza wongere urabe n’isanamu y’ururirimbo "Truth"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.