Twashimye kubashikiriza imwe mu myimbutsa, itanguzwa n’indome zibiri za mbere (A, B). Hanyuma tukaba tuzobwira iyitanguzwa n’izindi ndome.
Abahigi benshi bayobeza imbwa
Abakunzi ntibarangirira mu mubindi.
Abami basangira ingoma ntibasangira ingovyi
Abanyabwenge basa ntibateka inyama ngo zishe
Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge
Agakengere kava mu gakenguzo
Agashaje bakanya hejuru
Agashitsi kakera kavumbika umuriro
Agasozi k’intahanurwa kahiye abagabo babona
Agasumba akandi karakamira (...)
Accueil > Imico kama > Imigani
Imigani
-
Imwe mu myibutsa yakoreshwa na basokuru
2 Gitugutu 2014 -
Wifasha gusara ntiwifasha gusaba
11 Ruhuhuma 2013Uyu ni umwe mu migani y’ikirundi yigisha abantu gufashanya no gukorera hamwe. Mu migenzo y’ikirundi, gufashanya vyamye bifise ikibanza kinini mu buzima bw ‘abarundi.
Ni naho batanguye kuza baraca imigani kugirango bashobore guhanura abandi.
Iyo migani ikaba yarafashije abatari bake kandi n’ubu iracakoreshwa cane mu guhanura. Abo twavuganye baremeza ko yabafashije cane mu buzima bwabo.
Bamwe bakaba basaba abavyeyi ko boza baraca iyo migani kugirango abana babo bayimenye nabo bazoyicire abo (...) -
Imigani yibutsa abantu kwumviriza impanuro
31 Nzero 2013Nkuko twavuze ku migani yigisha abarundi kuvuga make,abasokuru bahanura muri vyose ntibibagira kwigisha abantu kwumviriza impanuro z,abadukurirura mu myaka no mu vyiyumviro.Imigani nashoboye kuronka akaba ariyo nashimye gusangira namwe.Umugani w’ifatiro mu migani isaba abarundi kwemera guhanurwa ni : « intabarigwa ibwigwa n,uko amaso atukuye »
Uwo mugani inkomoko yawo ntibayisigura neza, mu bahumure twaganiriye ntawashoboye kunsigurira neza aho uwo mugani ukomoka n’icatumye uvuka .
Umutama (...)