IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imico kama > Imigani > Imigani yibutsa abantu kwumviriza impanuro

Imigani yibutsa abantu kwumviriza impanuro

jeudi 31 Nzero 2013

Nkuko twavuze ku migani yigisha abarundi kuvuga make,abasokuru bahanura muri vyose ntibibagira kwigisha abantu kwumviriza impanuro z,abadukurirura mu myaka no mu vyiyumviro.Imigani nashoboye kuronka akaba ariyo nashimye gusangira namwe.Umugani w’ifatiro mu migani isaba abarundi kwemera guhanurwa ni :
« intabarigwa ibwigwa n,uko amaso atukuye »

Uwo mugani inkomoko yawo ntibayisigura neza, mu bahumure twaganiriye ntawashoboye kunsigurira neza aho uwo mugani ukomoka n’icatumye uvuka .

Umutama umwe niwe yavuze ati : «abarundi bakera bari baciye ubwenge, baragendereza ikintu, bamaze kubona ko kibaye incuro nyinsi baraheza bagaca umugani kugirango n’abandi bazovuka munyuma bazokwiyubare gukora ico kintu.»
Uwundi nawe yavuze ko kuva kera narindi,umuntu akiri muto yabwirizwa kwubaha abageze mu zabukuru.

Iyo bamuhanuye rero yategerezwa kubumvira kuko bababazi vyinski kumurusha ,ngo iyo umwana canke umuntu uwariwe wese akengereye impanuro z’abamukurira ngo yaragira ingorane kenshi ngo barahura n’ivyago vyinshi ugasanga baricuza bati« iyo menya narikwumviriza impanuro nahawe»,ngo kutubaha abahumure vyarimwo n,umuvumo.

Uwo mugani rero n,iyindi isangiye insiguro nawo ikaba yarafashije abarundi benhsi ,kuva kuri ba sokuru bacu,no kurundi runganwe rwagiye rukurikira, ndetse no gushika uyu munsi iyo migani ikaba ifasha cane abantu mu buzima bwabo bwa minsi yose nk’uko umwe mu rwaruka twavuganye avyemeza : « iyo ngirankore ikintu bakancira uwo mugani ndagira ubwoba kuburyo ncantinya gukora ico nari nateguye gukoara, bituma ndonka umwanya wo kwiyumvira neza ico nshaka gukora,gutyo nkirinda guwa mwikosa».

Imigani ijanye n’uwo nashoboye kuronka akaba ari :«Ijambo ry’umukuru urishima umukura» ; «Intarabona isera ihaha» ;« Wanka bangwe ntiwanka zana ndabe» ; « Uhisha ubwari nyoko ntiwarama» ; «Wanka kugarura impene ikiri hafi yamarakurenga imitumba ukabira nkayo». Uwuzi iyindi migani ifise insiguro imwe n,uwo mugani arashobora kuyisangira n,abandi mu guterera ivyiyumviro kuri iyi nkuru.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.