Umuririmvyikazi Lady Grace yagarutse mu muziki inyuma y’imyaka itari mike asa n’uwabihevye. Amafoto azoboneka mw’isanamu y’ururirimbo rushasha yamaze kuja ku mugaragaro.
Hari haheze imyaka ishika kuri 3, Lady Grace atavugwa mu baririmvyi, none yagarutse n’ururirimbo rushasha yise "Ntawukuruta". Lady Grace aririmba avuga ati:" Muri kahise aho naciye hose, ntawe nigeze mbona mungana. Narazungurutse narajuragiritse mu rukundo, narakomeretse, none waje umpanagura amarira. Intuntu n’agahinda (...)
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lady Grace > Inkuru