Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lady Grace yagarutse mu muziki: raba amafoto y’ururirimbo rushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Lady Grace > Inkuru > Lady Grace yagarutse mu muziki: raba amafoto y’ururirimbo rushasha

Lady Grace yagarutse mu muziki: raba amafoto y’ururirimbo rushasha

vendredi 20 Ntwarante 2015

Umuririmvyikazi Lady Grace yagarutse mu muziki inyuma y’imyaka itari mike asa n’uwabihevye. Amafoto azoboneka mw’isanamu y’ururirimbo rushasha yamaze kuja ku mugaragaro.

Hari haheze imyaka ishika kuri 3, Lady Grace atavugwa mu baririmvyi, none yagarutse n’ururirimbo rushasha yise "Ntawukuruta". Lady Grace aririmba avuga ati:" Muri kahise aho naciye hose, ntawe nigeze mbona mungana. Narazungurutse narajuragiritse mu rukundo, narakomeretse, none waje umpanagura amarira. Intuntu n’agahinda ndasezera, umunezero urisuka, agahinda nagize zinibuka". Lady Grace arongera ati:"Kuri iyi si je mbona atawukuruta, iwanje uri uwa mbere n’uwa nyuma, untemba neza ku mubiri no ku mutima. Ejo aho bukera nzosubiramwo n’ijwi rirenga nti NDAGUKUNDA".

Tubibutseko Lady Grace yahoze ari umukunzi w’umuhinyanyuzi Lizer Classic baravyaranye umwana. Uwo bavanye igihe yamucumita imbugita mw’izosi. Ubu naho uwo akundana n’uwitwa Frank Pro.

Raba amafoto y’ururirimbo "Ntawukuruta"

Umviriza ururirimbo "Ntawukuruta"


Cherif Nkeshimana

Messages

  • its cool.waiting to hear the new coming song.keep it ip

  • urashushe singuhenda.iyo picture iratesa

  • None ga yemwe yabuze ibuturu, ijipo canke ipantaro yambara aho musi? Kumafoto tubona amaguru yiwe yose, naho Atari mabi sayo kwerekana kuko akaranga n’imico navyo nyene birakwiye gusonerwa. Umukobwa canke umugore nuwo kwambara akikwiza. Iyo ndirimbo yaririmvye yikwije ntiyota akanovera par contre abantu boyishima gusumba. Muramutumbwirira rero arke kuduhenera azoba akoze, kuko turabona ko yayikoreye no kkiyaga kandi hari umuyaga ashobora kuduhenera tutabimusavye.

  • Naitwa takila yahya niko mwanza Tanzania nitafute kupitia facebook takila yahya whatsapp 255688541789 asante

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.