Mu gihe Big Fizzo yariko ashira ahabona amasanamu y’indirimbo « Konzi », yashikirije ko abarundi bakwiye guha agaciro abahinyanyura umuziki ndundi, akanegura abirukira hanze gukorerayo umuziki canke amasanamu.
Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru
inkuru
-
Big Fizzo asaba abarundi guha agateka abahinyanyuzi b’umuziki ndundi
29 janvier 2018 -
Fizzo yatumiwe gushigikira Charly&Nina mu rubanza rukomeye bimirije
4 novembre 2017Big Fizzo yabaye umutumire w’iteka mu giteramo co kurangiza umwaka kizobera mu gihugu c’urwanda. Umwaka ugiye kurangira uwo muririmvyi akoze ibikorwa vyinshi ku ruhande rw’ibiteramo.
-
Umuririmvyi Fizzo yatoye ubundi buryo bwo kurondera amahera
1er Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANABig Fizzo yahinduye umukenyuro wo kugurisha indirimbo ziwe. Yahinduye umuhora yahora agurishako indirimbo, mu ntumbero yo kuja ku ruguro rw’ibihangange vy’abaririmvyi bo kw’isi.
-
Fizzo yerekanye ivyo yanditse muri "Tatouages" yiwe nshasha
26 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAInyuma yo kuboneka ku mafoto bariko bamwandikako ku kuboko, hamenyekanye ivyo Fizzo yerekanye kuri izo nyandiko.
-
Fizzo yongereje "TATOUAGES" ku maboko yiwe
19 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAInyuma y’igiteramo aherutse gukorera mu gihugu c’Ubutaliyano, Fizzo yagiriyeko ashira "Tatouages" ku kuboko kwari gusigaye kutayifise.
-
Icuka si ciza hagati y’abaririmvyi Happy Famba na Fizzo
12 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANAIcuka si ciza hagati y’abaririmvyi Happy Famba na Fizzo. Ico cuka kiriko giterwa n’uko Fizzo yahawe umwambaro wo gukinamwo mu mupira w’amaguru maze agasiba urukino, agatako uwo mupira akawandikako izina ryiwe. Ku ruhande rwa Fizzo, avuga ko yari azi ko ikibazo caheze kera.
-
Video: Isanamu y’indirimbo "Katika" ya Big Fizzo ft TID
3 Gitugutu 2017, par Jean De Dieu -
Big Fizzo yatumiwe mu giteramo mu Butariyano
3 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANABig Fizzo agiye gufata urugendo rumugeza ku mugabane wa Buraya aho azoba agiye kuremesha igiteramo. Umwaka ugeze aha Fizzo akoze ibiteramo bitari bike mu Burundi.
-
Abo mu murwi wa Fizzo bamirira kure ivyo Ikoh ibarega
31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANAInyuma y’aho muri Ikoh bidoze ko akajambo "Itakuwa ngumu" ka Fizzo yakoresheje muri "Konzi" gafise amamuko muri Ikoh, abajejwe gutanga amakuru kwa Fizzo bavyamirira kure bati : "Iryo ni ijambo ry’igiswahili rishobora kuvugwa n’uwariwe wese".
-
Akajambo Fizzo yakoresheje muri "Konzi" gateye ikibazo muri Ikoh
29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANAIkoreshwa ry’ijambo "Itakuwa ngumu" mu ruririmbo rwa Fizzo bivugwa ko vyateye ikibazo muri Ikoh. Mu burongozi bw’iryo shirahamwe siko babibona kandi vyongeye ntibabishigikira.