IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Abafata umuti upfupfahaza umugera wa Sida basabwa kwitura amavuriro mato (...)

Abafata umuti upfupfahaza umugera wa Sida basabwa kwitura amavuriro mato mato

lundi 2 Gitugutu 2017

Mu kiganiro cahuje abavugizi b’inzego za Reta kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, mu ntara ya Ngozi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yamenyesheje ko Reta ariyo ibazwa ubuzima bw’abanyagihugu ubwa mbere,ari naco gituma bakora ibishoboka vyose kugira amagara y’abantu abandanye kwifata neza.

Muganga Thadee NGENDAKUMANA yavuze ko hamaze kujaho itegeko ry’ubushikiranganji rirekurira amavuriro mato mato gukurikirana abagendana kandi bafata imiti ipfupfahaza umugera wa Sida.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yamenyesheje kandi ko bagiye gusaba abaganga kwitanga batiziganya mu gufasha abagendana umugera wa Sida.

Mwomenya ko icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’indwara ya Sida bemeza ko mu gice kiri munsi y’ubugararwa bwa Sahara igitigiri c’abapfa bahitanywe n’umugera wa Sida cagabanutse gushika ku bice 30 kw’ijana gushika mu mwaka wa 2011.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.