IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Hagiye gutunganywa isekeza ryo kuvura indwara yo mu kigo mu bushikiranganji (...)

Hagiye gutunganywa isekeza ryo kuvura indwara yo mu kigo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu.

vendredi 27 avril 2018

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Thadee NDIKUMANA mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu arangiye,yamenyesheje ko ubwo bushikiranganji bwashoboye gushikiriza ibikoresho abavuzi n’abafasha babo mu bijanye no gutandukanye imvyaro,gushikiriza igitabo mfashanyigisho abajejwe kwigisha no guhimiriza abenegihugu kubijanye n’urucanco SAYANA PRESS hamwe no gutanguza ibisata bijejwe kugorora abavunitse mu bitaro vy’uburere bwa Muramvya n’intara ya Kirundo.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu n’ibijanye n’isuzuma ry’imiti yinjira n’iyitegekanijwe mu mwaka wa 2019 hamwe no gutunganya ibijanye no gukoresha ubuhinga bwa none “informatique” mu kigo co gupima ingwara c’ishure INSP .

Ibigiye gukorwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu mezi atatu ari imbere n’ibijanye no gukora isekeza ryo kuvura abafise ingwara yo mu kigo,gutunganya isekeza rijanye n’ingwara ya cancer mu ntara ya Rumonge hamwe n’itunganywa ry’indwi yahariwe amagara meza y’abavyeyi n’ibibondo.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.