IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Bubanza : Abantu batatu nibo bamaze guhitanwa na Korera

Bubanza : Abantu batatu nibo bamaze guhitanwa na Korera

mardi 24 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo ngwara iribonekeza kandi mu ntara ya Cibitoke, muri komine Rugombo, aho abantu bagera kuri 15 aribo bari ku musego kubera Korera. Abo bantu bose ni abo ku musozi Rukana wa kabiri.

N’abanyagihugu b’aho mu Rugombo bikeka ko iyo ngwara yoba iterwa n’amazi mabi banywa, aho akaba ari mu gihe bakoresha amazi yo mu ruzi rwa Rusizi kubera ubukene bw’amazi meza bafise.

Nk’uko bisabwa n’abanyagihugu bo mu duce twibonekezamwo iyo ngwara, abajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Cibitoke bokwegereza imiti ya Korera mu mavuriro yo ku misozi, kugira uwufashwe ashobore gutangura gufata umuti atarasinzikara. Ivyo babivuga mu gihe ivuriro rikuru ry’intara ya Cibitoke riri kure y’uduce tumaze kwibonekezamwo iyo ngwara.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.