Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > ’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA
’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA
samedi 12 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, Muganga Thadée NDIKUMANA aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko indwara ya Ebola ivugwa muri Kongo itayihari mu Burundi.
Muganga Thadée NDIKUMANA yamenyesheje ariko ko, ingingo zose zishoboka zamaze gufatwa kugira bakinge ico kiza, nticinjire ku butaka bw’Uburundi.
- Thadée NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida
Iyo ndwara ya Ebola yatanguye kwibonekeza kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, aho abantu babiri babonetse bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara, mu gisagara ca Bikoro, kiri mu Buraruko bushira Uburengero bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.
MUGISHA Van Naris
Messages
26 mai 2018, 21:41, par Nahimana Athanase
Yemwe Yemwe Mujejwe Amagara Yabarundi Namwe Mwese Murikuntwaro Turasavye Dushimitse Ngo Mube Mamaso Magabo Icokiza Ebola Ntikitwinjirane Tugatikira Narirya Abarundi Twugarijwe Nubukene !Dufashe Kuko Nimwe Duhanzamaso Nacanecane Kucungera Kubibe
9 juin 2018, 06:39, par Nyandwi Philippe
Iyo Ngwa Ya Ebola Ifata Gute ? Mwotubwira Ibimenyetso Vyayo ?