Accueil > Amakuru > Amatongo > Bujumbura : Abafise ibibanza vyo kwubakamwo bahawe ukwezi kwo (...)
Bujumbura : Abafise ibibanza vyo kwubakamwo bahawe ukwezi kwo kuvyubaka
mercredi 30 mai 2018
Mw’itangazo ryo kugabisha umuyobozi mukuru ajejwe gutunganya ibisagara n’uburaro yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Rusama, Emmerence NTAHONKURIYE, amenyesha ko muri ico kiringo c’ukwezi kumwe abafise ivyo bibanza bategerezwa kuvyubaka kandi bakavyubaka bakwirikijwe amategeko agenga ibisagara.
Emmerence NTAHONKURIYE avuga ko ico kiringo kirenganye uwufise ikibanza ataracubaka azoca acakwa burundu.
BIKORIMANA Vianney