Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushingamateka Pamphile MALAYIKA yerekanye icokorwa kugira ikibazo kiri mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Umushingamateka Pamphile MALAYIKA yerekanye icokorwa kugira ikibazo kiri mu (...)

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA yerekanye icokorwa kugira ikibazo kiri mu Carama gitorerwe inyishu

mardi 24 avril 2018

Umushigamateka Pamphile MALAYIKA avuga ko ibiriko biraba mu carama bibabaje cane, kuko bituma amazu y’abanyagihugu n’ibiri muri yo vyononekara, canke mbere hakabamwo n’abatakaza ubuzima.

Pamphile MALAYIKA avuga ko, ingorane iri mu Carama iva k’ukuntu hari amazu yubakwa haruguru ya Carama, kandi hataratunganywa ngo hacibwe amabarabara n’imigende itwara amazi, bigatuma amazi ategerezwa kwironderera inzira.

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA , avuga ko mu gace ka Carama hari amabaraba akwiye n’imigende yaciwe, ariko aho bigeze imigende yabaye mito, kubera abatunganya igisagara batiyumviriye cane kuri kazoza.

JPEG - 171.5 ko
Umushingamateka Pamphile MALAYIKA, asanzwe ari umuhinga mu bijanye no kwubaka

Uwo mushingamateka aratanga umuti wotuma ico kibazo gitorerwa inyishu :« Umuti woba nuko Reta yofata mu ntoke ikibazo c’amabaraba n’imigende n’inyubakwa ziriko zubakwa haruguru ya Carama, nka Gasenyi, kuw’interekwa, Nyabagere na Muyaga. »

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA asigura kandi ko, hakwiye imigende minini minini ivana amazi mu nzuzi nka Nyabagere, Gasenyi na Ntahangwa, ikayashikana mu kiyaga Tanganyika.

Naho biri ukwo, umushingamateka Pamphile MALAYIKA arashimira Reta, kuba yararondeye imfashanyo zo kwubaka ibiraro ku nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, naho hakiri vyinshi vyo gukora.

Pamphile MALAYIKA ahanura abarundi guhagarika umutima wo kwama biyumvira gusanura ivyasambutse, aho gukinga bitarasambuka, bagatunganya igisagara bafatiye uko iterambere rihindagurika bafatiye ku mwanya, bagafata kandi imigambi bayerekeza muri kazoza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Naho urumuhinga hari akansovye. Uzotwereke uko amazi ava kuwinterekwa na nyabagere asubira inyuma akaja mucarama. Yoba aca hé ?
    Ingorane yamazi iri mwitunganwa ryigisagara nibidukikije. Ni mucarama imiserege ntikwiye. No muci ntitemba. Nico kimwe na kiyange. Kwerekana KO amazi ava kunyubakwa ziri haruguru gusa ntibikwiye kuko muri 2014 zisa nizitari zihari ariko ibara ryaraguye.
    Ahubwo hari abahinga babi bategura ibisagara mubiyaya kandi vyari vyarabujijwe.

  • @Nganji
    N’ukuri ukaba ubeshe ! Mbere umenga hari uwigeze kuvuga ko Carama yahora irimwo imirima y’umuceri. Akavuga ko hari marais. Bikavuga ko amazi ariho atembera kuva ibinjanja n’ibinjanja !

  • hehehehe genada nganji uranyishe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.