IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > EuropaLigue: Athletico Madrid watahukanye igikombe utsinde Marseille

EuropaLigue: Athletico Madrid watahukanye igikombe utsinde Marseille

Thursday 17 May 2018

Intsinzi y’umurwi Athletico Madrid ntiyatangaje benshi bisunze uko umaze igihe wigenza mu nkino zitandukanye ukina.

Ku munota wa 21, umukinyi w’umusatirizi wa Athletico Madrid Antoine Griezmann yari yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi Athletico Madrid, mbere igice ca mbere c’urukino kirangira ar’uko biri.

Ku munota wa 49, Antoine Griezmann yinjije igitsindo ca kabiri ca Athletico Madrid, umunota umwe imbere y’uko urukino rurangira, kizigenza wa Athletico Madrid Gabi yinjije igitsindo ca gatatu.

Urukino rwarangiye ku ntsinzi ya Athletico Madrid y’ibitsindo bitatu ku busa bwa Marseille.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.