IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ikigo NASA kigiye kurungika kajugujugu k’umubumbe Mars

Ikigo NASA kigiye kurungika kajugujugu k’umubumbe Mars

mercredi 16 mai 2018

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umukuru w’ikigo NASA ,Jim BRIDENSTINE yamenyesheje ko, iyo kajugujugu izorungikwa kur’uwo mubumbe mu kwezi kwa Mukakaro mu mwaka wa 2020, ikazoshikayo mu kwezi kwa Ruhuhuma mu mwaka wa 2021.

Amakuru ashikirizwa na AFP amenyesha ko, umugambi wo gukora iyo ndege izorungikwa kuri Mars watangujwe mu kwezi kwa Myandagaro mu mwka wa 2013, kandi ikaba itegerezwa kuba ifise ibiro bishoboka kuko imibereho yaho itandukanye niyaha kw’isi.

Iyo kajugujugu izorungikwa kuri Mars yiswe "The Mars Helicopter", ikazoba ikozwe nk’indege itagira umudereva bita ‘drone’, ikazoba ipima kilogarama 1.8.

Mars Helicopter izoba iri kumwe na robo ntoyi yahawe izina rya ‘Mars 2020 rover’ ikazoba ijejwe kuraba imibereho y’uwo mubumbe ko ata bantu boshobora kuhaba,kugenzura ko ata biremwa vyigeze kuhaba hamwe no gusuzuma ubutunzi kama bwoba buhari.

Iyo kajugujugu izoba ifise imishwarara y’izuba ishobora gutanga umuriro mw’ibateri y’iyo ndege eka no mu cuma cayo bizofasha kugira igume ishushe mu gihe bwije kandi ikazoba ikozwe k’ubuhinga ishobora kwakira no gushira mu ngiro amategeko ihabwa n’abari kw’isi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.