IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Facebook igiye kubaka igisagara kizoba kirimwo n’amazu y’abakozi b’ico (...)

Facebook igiye kubaka igisagara kizoba kirimwo n’amazu y’abakozi b’ico kigo

vendredi 27 Ruhuhuma 2015

Igisagara gipima amahegitare 80 (80hectares) kigiye kubakwa n’ikigo Facebook nk’uko vyavuzwe n’uwatanguje akongera agatwara ico kigo, Mark Zuckerberg. Muri ico gisagara, hazokubakwamwo amazu y’abakozi ibihumbi 10 bakora mu kigo ngurukana bumenyi Facebook.

Amafaranga angana n’imiriyoni 200 z’amadorari niyo ategekanijwe n’ikigo Facebook mu kubaka igisagara "Zee Town".Uwo mugambi wo kubaka igisagara wiyumviriwe na Mark zuckerberg.Ico gisagara «Zee town» kigiye kubakwa hafi yaho ikigo Facebook gisanzwe gikorera, ahantu hitwa Menlo Park.

Ikibanza co kubakamwo ico gisagara kingana n’amahegitare 80, Mark Zuckerberg akaba amaze kwegeranya amafaranga angana n’imiriyoni 400 z’amadorari y’Amerika zo kugura ico kibanza.

Muri ico gisagara, hazokubakamwo amazu y’abakozi ibihumbi 10 bakora mu kigo Facebook, inyubakwa zigenewe kwakira ingenzi , ibibanza vyo gusumiramwo, n’ivyumba vyo kuryamamwo ku baje kwimenyereza (Stagiaires) muri ico kigo.

Mark Zuckerberg yamaze no kurondera bamwe mu bazomufasha kubaka inzu, nk’ umuhinga mu gusiga inzu azwi cane, Frank Gehry, azoza aranakurikirana inyubako y’ico gisagara.

Ikigo Facebook kivuga ko ico gisagara batagomvye ko kiba igisagara c’ikigo gusa Facebook, ahubwo bagomvye no gushiramwo n’abandi bantu badakora muri ico kigo mu kububakira ibibanza bashobora gukenera.

Ico ciyumviro co kubaka igisagara c’ikigo Facebook kigiye korohereza ubuzima abakozi baho mbere n’akaranga k’ikigo Facebook kagiye kwongerekana.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.