IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Kanyosha : Abanyagihugu inzu zabo zahenuwe n’imvura basaba gufashwa

Kanyosha : Abanyagihugu inzu zabo zahenuwe n’imvura basaba gufashwa

jeudi 29 mars 2018

Umwe mu baba muri izo nzu, amenyesha ko, inzu yahenutse bivuye ku mvura nyinshi yaraye iragwa mw’ijoro ryo kuwa kabiri, kandi ikirirwa iragwa umunsi wose wo kuwa gatatu.

Uwo yaba mu nzu imwe muri izo zahenutse, yavuze kandi ko naho ata muntu yitavye Imana, ibintu vyari mu nzu vyose vyononekaye, nk’ibikoresho vyo mu gikoni, igitanda n’imatera ndetse n’utundi tuntu twa nkenerwa mu rugo.

Abo bahuye n’iyo mpanuka, basaba Reta ko yobafasha, n’abandi bagiraneza babishoboye bakabagarukirako, mu bihe bitoroshe barimwo.

NDIZEYE Chadrack, atwara karitiye ya Kajiji, yashitse ahabereye impanuka, avuga ko agiye gushikiriza ikibazo ku bamukurira,ndetse yiture n’abagira neza nka Croix Rouge, kugira arabe ko hari ico bofasha.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.