IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Abantu 10 bitavye Imana mw’isanganya ry’indege

Kenya : Abantu 10 bitavye Imana mw’isanganya ry’indege

vendredi 8 juin 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umushikiranganji wo kwunguruza abantu n’ibintu, Paul Maringa , yavuze ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Cesna 208 yari imaze iminsi ibiri yaraburiwe irengero.

Ku bw’uwo mutegetsi umugwi w’abatabazi b’ikigo kigenzura ibikoko vyo mw’ishamba Kenya Wildlife Service, nibo batoye iyo ndege basanze ari ibimanyu.

Ubutegetsi buvuga ko impanuka y’iyo ndege yoba yatewe n’igicu kibi mu gihe hari haguye imvura nyinshi irimwo n’igipfungu, ariko ubutegsti buvuga ko bwatanguje n’itohoza.

BBC, ivuga ko abatwara iyo ndege babiri hamwe n’ingenzi umunani aribo baguye muri iryo sanganya, umushikiranganji Maringa akaba yahojeje imiryango yabuze.

Iyo ndege yabuzwe irengero kuri "radar" ku munsi wa kabiri ku muhingamo, haheze isaha irenga ivuye mu gisagara ca Kitale, mu burengero bw’igihugu ija i Nairobi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.