Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso (...)
Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso yahawe agashimwe
vendredi 15 juin 2018
Uwo musore Brian Gitta w’imyaka 24 yaronse agashimwe ka "Royal Academy of Engineering’s Africa Prize" ku gikoresho gitora indwara ya malariya mu kwatsa umuco utukura gishizwe ku rutoke rw’uwupimwa.
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko inyishu y’ivyo bipimo ishobora guca ihererekanwa kuri telefone ngendanwa mu munota umwe.
Yakoze ico gipimisho yise Matibabu, inyuma yaho uburyo bwo gupima hakoreshejwe amaraso bunaniriwe yafashwe na malariya.
Malaria niyo ndwara ihitana abantu benshi mu gihugu c’Ubuganda, Gitta akaba yarinze kwipima incuro zitatu ngo atore malariya, nkuko Shafik Sekitto ari mu batanguje igipimisho Matibabu yabwiye iradiyo BBC.
MUGISHA Van Naris
Messages
15 juin 2018, 22:30, par Umuzabibu Karangwa
Afrika Oyee Oyee !! Kutujombagura Badupima Malaria Turabiruhutse,tuvumbure Nurucasho Maze Indi Migabane Ibitwubahire.
16 juin 2018, 04:27, par Prudence
Uyo akwiye gushigikirwa kugira azogere no kubisumbaho.
26 juin 2018, 08:54, par Mpenduburundi Gilberte
Félicitations à ce jeune Brian, c’est un honneur pour l’Ouganda et pour l’Afrique